IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Abaragwakaranga bateguye igiteramo mu mpera za Ruhuhuma

Abaragwakaranga bateguye igiteramo mu mpera za Ruhuhuma

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Umugwi “Abaragwakaranga” wo ku Musaga urategekanya kuzogira igiteramo imbere y’uko ukwezi kwa Ruhuhuma 2013 kurangira.

“Igiteramo turiko turategura ni akaryo ku mugwi wacu ko kwerekana aho ibikorwa vyacu bigeze”. Ivyo ni ivyavuzwe na Niyuhire Jean Claude, umwe mu batanguje umugwi « Abaragwakaranga ».

Bimwe muri ivyo bikorwa bikaba ari intambo, indirimbo, ukuvuza ibicurarangisho kavukire n’ibindi nk’uko N. Jean Claude abandanya abisigura. Muri ivyo bazokwerekana muri ico giteramo co mu mpera z’ukwezi kwa Ruhuhuma 2013, indirimbo nka « Akaranga » na « Jandajanda » zikaba zitazohara.

Mbere umuhanuzi w’uwo mugwi Nsanzeryaka Bertrand akaba yamenyesheje y’uko imbere y’igiteramo bazoba basohoye amasanamu bimwe bita Clips y’indirimbo zabo zitatu.

Uguharanira akazoza keza k’urwaruka biciye mu mico kama n’akaranga ngo ni ryo hangiro nyamukuru ry’Abaragwakaranga.
« Abaragwakaranga » bavuga ko bibagora gusohora indirimbo ku ma CD kuko batanga amahera ibihumbi 100 vyose kugira ngo basohore ururirimbo rumwe, ivyo bigaca bituma bahomba kuko indirimbo zabo zica zibwa bimwe bita piratage.

Umugwi « Abaragwakaranga » ugizwe n’abana, imiyabaga n’abakuze bagera kw’ijana na mirongo ibiri, ukaba washinzwe ku wa 10 Mukakaro 2007.
Kuva ugishingwa, umuhanuzi w’uwo mugwi Nsanzeryaka Bertrand avuga ko ufise abavuza ingoma, abatamba, abavyina hamwe n’abacuraranzi bakoresha ibicurarangisho kavukire nk’umuduri, inanga, umwironge n’ibindi.

Uburyo bakoresha kenshi ngo bakaba baburonka iyo bagiye guteramisha abagize imanza z’ubugeni.

Ifoto :NSHIMIRIMANA Tresor imyaka 26(ishati isa n’ivu),NIYUHIRE Jean Claude imyaka 24(ishati ry’ubururu),NSANZERYAKA Bertrand imyaka 29 (ishati ritukura)


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.