IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abarenga ijana nibo bafashwe bakekwa kuba bari mu myiyerekano

Abarenga ijana nibo bafashwe bakekwa kuba bari mu myiyerekano

samedi 18 Ndamukiza 2015

Abaporisi babiri nibo bakomerekeye mu myiyerekano y’abatavuga rumwe na CNDD FDD, nayo abantu 117 bakaba aribo bashobora kuba barafashwe muri iyo myiyerekano, bapfungiwe mu busho butandukanye.

Muri iyo myiyerekano yiriwe iraba kuri uyu wa 17 Ndamukiza, ikaba yatumye ubuzima buhagarara mu gisagara ca Bujumbura, aho abantu badandaje akanya gato, mu nyuma amwe mu mabanki akorera hagati mu gisagara aca arugara. Abanyagihugu bari bitabiriye iyo myiyerekano, bakaba bari bababaye cane, aho bamwe bamenyesheje ko batava mu gisagara, naho ingingo z’ukubirukana zahavuye zifatwa, abantu barataha ku nguvu, na cane cane nk’abadandariza mu nyubakwa Le Parisien.

Bamwe mu badandariza mu kibanza ca BATA, bakaba bagiriza bamwe mu baporisi ko binjiye muri ico kibanza, bagenda bivye zimwe mu materefone, baca bariruka, ndetse baca basiga banakubise abantu bari aho. Abo banyagihugu rero bagasaba ko bosubizwa utwabo, ndetse abaporisi bigenza uko, bagahanwa bimwe vy’akarorero. Abarongoye imigambwe yatumyeko iyo myiyerekano, bavuga ko baraye batsinze, kuko bashitse kuvyo bipfuza, na cane cane kwerekana ko ico kiringo bariko baraciyamiriza kidakurikije amategeko.

Muganga Yohani Minani akavuga ko bagiye kuzokora ibishoboka vyose, kugira abapfunzwe kubera ico gitero baze barekurwe vuba. Tukabamenyesha ko kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura, abantu bagarutse ku mirimo, abatari bake bakaba bariko baradandaza mu mangazini yabo, aho vyagaragara ko ivyabaye kuri uyu wa gatanu, bisa n’ibiriko biracureha.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ngo mwaraye mutsinze,mwe nivyo bindi bihutu muragatsindwa ku mabuye,ariko vyose ni peter yishinga gusenga ,imana shira àcoté perezida abo bahutu bashaka kutugarukanako umututsi batuvireho,ivyo bibandits navyo nivyo binyamahanga bitwononera igihugu ,harabuze uwobabwira ko rutitaha!!Nimba bidakunda nta kundi nibigirire ivyo bishakiye!

  • Ni bara kumutemere ..reka abo tuzobatoza intoke...mwa binwamaraso

  • Mwabantu mwandika murantangaza. Mbe burya gutukana hari inyungu? Nagira nkebure uwo wese yiyumvira ko kuvuga amajambo atabereye harimwo inyungu. Ko umengo intebe twicayeko turi mwishure ntaco zatumariye! Vuga make kk utazi ivyejo.

  • Nintambe ndende bashitseko kandi barerekanye ko bishoboka kwiyamiriza no kwerekana neza ko banse ikiringo ca3 ca Nkurinziza!Hama abafashwe nabo bagafunga nibihangane babaye incungu za Democratie!Hama les readership nivyiza kobatorya ngo barya abandi barimumpimba!

  • Imyigaragamvyo yabaye nibazeko atakibi carimwo kiretse inyifato yabapolisi nka bose batagikingira umunyagihugu numwe ahubwo bakingira umugambwe umwe wonyene urikubutegetsi.rero nagira mvuge ko ntanyagupfa twese turi bene mugabo umwe kuki ubuzima bwakiremwa muntu buhonyangwa?kuki nkurunziza atokemura ingorane ziri mu gihugu ciwe?canke niwe nyirrabayazane.

  • Basha,naraye ntahuye ko abantu bamwe bamwe ar’ibigwa rudubi,ariko ufis’ubwenge bukora neza woza kwiyamiriza ikintu kitabaho,haba mu nyandiko canke mu mvugo. igikogwa igipolisi cakoze mbona gitomoye gwose kuko nta gihugu na kimwe gishobora kureka ngw’ibihura mutwe nk’ivyo ngo bivuruge igihugu kirimw’abagabo.

  • Ndabona abarundi baramaze gucanamwo.Abafise ubwenge ni batahure. Gusa mumenye ko Uhoraho ari hejuru ya vyose:abasenga barabizi. Lucky Dube ati "Nta kuri muri iyi si." Nanje ntyo. Ibuke Ko ikintu cose gifise intango kikagira n’iherezo. Abatukana ni batukane,abarôdera ukuri bakurondere,abatumva bareke kwumva...Imana Izokwicira inzira.

  • Imana n’iyo yonyene izoca urubanza rwabarundi aho bigeze n’iyo izoduha umutware abibereye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.