Accueil > Amagara y’abantu > Abarundi bahamagarirwa kwitaho irondoka rijanye n’amagara meza
 Abarundi bahamagarirwa kwitaho irondoka rijanye n’amagara meza
 Abarundi bahamagarirwa kwitaho irondoka rijanye n’amagara meza
				
				jeudi 20 Munyonyo 2014
Mu guhagurukira ingarukambi ziterwa n’ukuvyara benshi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwifatanije na COMIBU (Communauté musulmane du Burundi) batunganije uruganda ku ngaruka ziterwa n’irwirirana ry’abantu.
Muri urwo ruganda, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu Dionise Nizigiyimana akaba yamenyesheje ko muri rusasuma rwabaye mu mwaka w’2008 vyabonetseko abarundi bageze ku miriyoni umunani, inyuma y’aho abarundi bakaba bariyongereye bagera ku miriyoni icenda. Abandanya avuga ko abantu babandanya kurwira, mu gihe isi yo ataciyongerako.
Dionise Nizigiyimana avuga ko ingaruka ku bwinshi bw’abantu ziguma zibonekeza, haba mu gisata c’indero aho abana ari benshi rwose bigatuma n’ivyirwa bahabwa bitakigira akanovera, eka no mu bindi bisata izo ngaruka zikaba zibonekeza.
Nizigiyimana akaba asaba abarundi kwitaho uko bogabanya imvyaro, ivyo akaba yabisavye yaba abari mu muryango w’abasiramu mu Burundi ndetse n’abarundi bose muri rusangi, kugira bashobore guhangana n’izo ngaruka ziterwa n’ubwinshi bwa bantu.
Aristide Nizigire

Messages
20 Munyonyo 2014, 22:01, par BEN
USOMYE MUBITABO VY IMANA BIVUGA KO ARUKURONDOKA NONE DUZE DUHAGARIKE KUVYARA BESHE?EREGA UBAHABWA N MANA KANDI TUKOZE IVYO NTAKIGONGWE IZODUHANA
22 Munyonyo 2014, 08:09, par BIZI
IRONDOKA RIJANA NAMAGARA MEZA NUKO JEWE NA WEWE TWOMENYA NEZA KO KUVYARA BAKE 1 CANKE 2 UBA WIRINZE INGORANE KUKO NIMANA IFASHA UWIFASHIJE MURAKOZE