IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abari baheze mu bitaro kubera kubura amahera yo kuriha ibitaro (...)

Abari baheze mu bitaro kubera kubura amahera yo kuriha ibitaro bafashijwe

vendredi 12 Nyakanga 2014

Abasirikare bo muri batayo ya 21 ya AMISOM nibo batanze imfashanyo ku barwayi bari mu bitaro bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.

Imfashanyo yatanzwe n’abo basirikare ikaba yangana n’amafaranga agera ku miriyoni zirenga zine. Iyo mfashanyo ikaba yatanzwe mu mice ibiri. Umuce umwe ukaba wari uwo gufasha abarwariye mu bitaro bitandukanye, uwundi muce ukaba wari uwo gufasha abasirikare batashoboye kurangiza ibikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya bivanye n’ingorane zitandukanye.

Mu bitaro vyatanzwemwo imfashanyo, akaba ari ibitaro vya Prince Regent Charles, ibitaro vy’abarwaye mu mutwe mu Kamenge, hamwe no mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Abanyagihugu bahawe imfashanyo bari barwariye muri ivyo bitaro bitatu, bakaba bashimye rwose imfashanyo. Akarorero akaba ari ako umunyagihugu yitwa Oscar Miburo ava muri komine ya Mwumba yagize isanganya, akaba yarihiwe ibitaro, aho yari aheranye amafaranga agera ku bihumbi 315.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mwakoze cane Basoda bacu Buburundi ibikora inka Imana Ikomeze kubarinda no kubazigama mweeeeese

  • Mbegantuze, saaa’ wumviseko abaribafungiwe kumavuriro kubera kubura amahera yokuriha ko abasirikare bigihugucacu babatangiriye ivyasabwavyose? Egonavyumvise noreka kubimenyagutse kandibaryabose barumuryangowanje!? Abasirikare bigihugucacu bosentanumwe avuyemwo ndabakunda vyukuri! Barakaramba kuko ahobageze haba mu Burundi cankemumakungu impunduziravuga barakaramba vyukuri.

  • batandukany cane nabapolisi baguma baka 2000,5000 kand abanyagihug twigorew.

  • batandukany cane nabapolisi baguma baka 2000,5000 kand abanyagihug twigorew.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.