IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abiyamiriza ikiringo ca gatatu barahiye ko batava mu gisagara (...)

Abiyamiriza ikiringo ca gatatu barahiye ko batava mu gisagara hagati

vendredi 17 Ndamukiza 2015

Abanyagisagara bari mu migambwe itandukanye biyamiriza ikiringo ca gatatu bararahira bakarengwa ko batava mw’ibarabara umukuru w’igihugu adahevye umugambi wo kwitoza ubwa gatatu afise.

Mu myiyerekano yateguwe n’abari mu migambwe yiyamiriza ikiringo ca gatatu iri kumwe n’amwe mu mashami y’imigambwe ivuga ko yaciwe ubunywenywe na CNDD FDD, bavuga ko kuva mu myiyerekano atari ejo, mu gihe umukuru w’igihugu atovuga ko umugambi wo kwitoza yawuhevye. Iyo myiyerekano ikaba yatanguye neza neza nk’isaha zitatu z’igitondo, abaporisi batangura kwirukana uturwi tw’abantu, mu kanya abari hafi y’isengero nkuru ya Gatorika Regina Mundi baba bashizeko akaruru, abari kuri BATA bati twatanzwe, haca haza abari mu mabarabara y’injira mu gisagara ca Bujumbura nka yose, abaporisi nabo baca bikora ku vyuka bikoroza amosozi, hamwe n’imiduga imwe izimya umuriro, vyose babikoraniriza hagati mu banyagihugu. Abanyagihugu nabo, bakaba batera amabuye, ayandi bakayazibiza amabarabara. Aha, igihe abanyagihugu bari bafashwe bariko bakubitwa indembo mu mugongo, bahonyorwa no mu mutwe, umwe mu baporisi akaba yatewe ibuye mu mutwe, n’umwe mu banyagihugu yari hafi y’abaporisi, uwo munyagihugu aca arayanyaga, ariruka, yitera mu bandi.

Bamwe birutse, abandi barafatwa, mu gihe bamwe mu bakenyezi bakuze bariko baradandaza bahitanwa n’ayo mazi n’ivyuka bakarabira aho bicaye, batari bwiruke nk’abagikomeye. Ariko rero abo banyagihugu bakaba banse kuva hagati mw’isoko, aho bagumye bacunganywe n’abaporisi, baguma bose bashinganywe ijisho. Aha n’abatumyeko iyo myiyerekano tukavuga ko bahashitse. Aha twobabwira nka bamwe mu barongoye imigambwe ya FRODEBU Nyakuri, FRODEBU, UPD, abashingamateka ba CNDD FDD banse ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, hamwe n’abandi.

Chauvineau Mugwengezo we, akaba yamaze akanya katari gato, yafashwe n’abaporisi, aho yariko ariyamiriza nawene ico kiringo ari kumwe n’abantu batari bake, hagati mu gisagara. Twobamenyesha kandi ko kugeza ubu, abadandaza bose bugaye amamangazini yabo, amabarabara yose acunzwe n’abaporisi benshi, nayo abiyamiriza ico kiringo bakaguma barwira, naho twabonye abatari bake bafashwe, mbere babanjwe n’ugukubitwa bagashaya.

Umushingamateka yatowe mu ntara ya Bujumbura, ariko asaba abaporisi kureka guhungabanya agateka k'abantu

Aristide Nizigire

Messages

  • ejo hoho tuzoza twiteguye bikwiye. abo ba police ntibadukangishe ayo mazi ni vyo bisabuni tuzokwemera batumese .

  • oh oooo iyo nintambara yatanguye ntakundi twobivuga !.

  • yooooooooo!!!! banyagihug muratwengeje ah ntimwokwidandariza izo tomati zanyu nibitungur mukarek kurwa muvy mutazi uwavute at iyugomba gukora ikib nuguca kumunyagihugu nyarucari ntiyabeshe,nimwe mugomba mube ibitamb vya NININAHAZWE NA MBONIMPA N LEONCE Mwoshaka mwokwidandariza Politike mukayirekera beneyo hama mukazotora imigambi bazodushikiriza uwutemera ukazomwihakanira mwisandugu.nzoba mbona inyungu muzokuramwo.

  • Jewe nitegereje, nta muntu numwe wijunja nijambo yarari muri irya myiyerekano! Ico nabonye yari imihimbiri y, udusoresore twishakira ivyoyangara maze tugaca dutangura gusahura amaduka yabandi! RPA nayo irazi kuvuga amakuru yo gushikuza.

  • Abobantu barirondereye akazi ibishomeri biraheza bikagabanukaho gatoya.

  • Bazobamesa mugumye mwasama. Ntaco muba mutesha umwanya abantu bibereye ku bikorwa vyabo mwa ba voyoux mwe.

  • Bazobamesa mugumye mwasama. Ntaco muba mutesha umwanya abantu bibereye ku bikorwa vyabo mwa ba voyoux mwe.

  • nabahe nobo barye kubera ivyovyokunze iyaba atariwe yavyivugiye muga nimugumye umutima ntawuzopfa hataragera

  • Nibakomeze imana irababona,kand imana niyizi ikizobejo.mbe kobama bavuga ngwamategeko ava hejuru.bokobemeye kwitanga nate abarundi turabashigikiye.ok

  • mbe KO abandi babareka bakagaragaza ikiri kumutima? emw igipolisi ciyerekany KO gikorera umugambw uri ku butegetsi.

  • Komere barundi,barundikazi!utinya ingwe ntutinya iyakwinjiranye!

  • Ahubwo mwatevye iyo mwambura nizo mwambaye mugasara kandaho usanga bamwe muza kurarinzara nimutekereze nahandihobarabakora kuko bo ntibafyina nnimubirekera bategetsi bo babironkamwinyungu ahandiho nitwe tuzohasigara nabo bigiriye

  • naho nakagendeye nkabona,mbega yemwe IMANA NTIYOTABARA UBURUNDI

  • C’est bel et bien parti, kandi ni mpaka amaraso amenetse, abantu nuko nyene nta kundi twobigira... Mugabo vyiza nihabe ibiganiro, bihabuze bareke kwicana no kurwana kuko niyo ntandaro y’urwimo...

  • Komera Nteko Zacu(ngabo Zacu Police) Abarundi Twese Turabashigikiye Iyamirize Akajagari Aho Koturuka Hose Abarundi Twararambiwa Nintambara Dukeneye Amahoro.

  • Ndabona bitoroshye nagato,uzorokoka ibi azobara inkuru!!! gusa gutera amabuye police nibibi kuko bucya bazana insoro canke mubagumuka hazemwo ikihebe kibatere grenade urugamba rutangure gutyo, hazagwa benshi muri banyarucari.

  • Ikiringo ca gatatu ntigishigikiwe nabaporisi Bari benshi baciyamiriza. Iyi Bari kuba bagishigikiye ntibari kuboneka mumabarabara. Abahutu bafashe ubutegetsi hajamwo abatovyi harimwo numukuru wigihugu. Nukuvuga ko abasigaye mumugambwe kiretse peter Ari ba niryo atawotwara igihugu? Nibahebere abatutsi.

  • Ahubwo iyo ni ntambara yatanguye amaraso agira aseseke

  • ndasaba abaserukira abandi ko bo kumvikana kugira ntihagire amaraso y’abarundi aseseka!niyaseseka naho abazobibazwa barazwi

  • KOMERA RADIO YACU RPA NA BONESHA MUDUFASHIJE KWIKURAKO IYINGOMA Y’ABAHUTU. ATANUMWUZUKURU WABO AZONGERA GUKANDAGIRA KUBURONGOZI BW’INTARA.

  • HARAGEZE KO SEBARUNDI AVA MUGACERERE AMARASO ATARASESEKA KUKO NTATEKA VYOMUHA KIRETSEKO YOCA ARANGIRIZA MUMASENTARE MPUZAMAKUNGU MPANA VYAHA YARI UMUNTU AMAKUNGU YEMERA!

  • biraboneka ko peter ataco yamariye abanyagihu,sinavyiyumvira koboja mwibarabara kimwe gusa akarinyuma karahinda nabandanya kunana,sha haraho wibaza kwabantu bize ukabura none peter harageze ahatamenya inyaka yatwaye?canke basoma nabi.

  • Natembe agende peter nkurunziza.kuko aya maraso yose niwe azoyabazwa.

  • MURIHENDA NYOMBA MUCITWAZA AMOKO KUKO ABAHUTU TURAKWIYE NYOMBA TUTARENZ’IGIPIMO!! KIZIGENZA NAVUZE IFYIRIMBI MURA KO MUTIBONERAKO.

  • abo batutsi bamenyereye Genocide amaraso ya barundi azobabazwa.dore ko ba ba sans echecs bo ku mu Saga aribo baje gutera akajagari mugisagara

  • @nzorubara
    Wewe ntubona ko yari ya masheshe y’abanyamahanga bariko batwononera igihugu,n’abana babo b’ibi voyoux ni vyo vyari vyuzuyemwo,we wabonye mwo nde mu bategerezwa kuba bahari,ahuubwo ivyo mufyina vyose murashimira police ,sinon umunsi yobareka abo baje mu myiyerekano ni aba congomani benshi rindira muzoraba ko izo mangazini zitazosigara zera,kandi burya n’akanyaro koca gahera ntawosubirayo,ihoteli ya minani iri i kiriri ntawuyikoma,burya hemwe mureke kwifyinisha,umunsi muzovyuka mwari mufise akamangazi muzindukiramwo kabagaburirira abana ,mukibuka ko kasambuwe nabo mwita ababahabuza ico gihe muzovuga ngo iyo menya!!Bariko barabagumura mugakurikira,rindira hari ico muzobona,simvuze polisi,abo bantu babazanira ngo ni abiyerekana atawuzi iyo bavunduruka,muzompinyuza bazobiba vyose,kanura abo bantu ntibazi igituma bari ngaho ni ibi bandit vyo mu ma quartiers hemwe,ahubwo shimira polisi yakoze neza!!

  • Mbe wakimenabanga wiyise Yvan abatutsi mubamaramarirako murondera iki!!! Nta numutsi ushima yari muri iyo manifestation twari abahutu batupuuuuuuuu cndd ibuze icivuga imaramara ivuga abatutsi ubu ningwano Hutu contre Hutu abahutu twarushe nintwaro yanyu

  • komera komera basha mpaka Peter, Adolphe,Gelase bomotse uburundi! Sha yamigani peter yahora aducucira natwe turawumucira ngo AMASE YAKERA NTAGIHOMA URUTARO! Peter n’abo murikumwe muragowe pe. Toke harakakomera komera basha mpaka Peter, Adolphe,Gelase bomotse uburundi! Sha yamigani peter yahora aducucira natwe turawumucira ngo AMASE YAKERA NTAGIHOMA URUTARO! Peter n’abo murikumwe muragowe pe. Toke harakaharaka

  • Tubandanye tujegenyura aho muma jigo , dukubite ubuhiri , kuko akari mukanwa kimba Mujeri bagakuzayo ubuhiri.....

    Petero na dahwe acire iyo Manda agomba kurya atari gwiwe ..... Igihugu ntikigeze habi caramaze gutemba , abanyagihugu inzara nubukene biri mukubica ..... Kubera bihenze bakabomerereza ko umutware atumva impanuro , kuko agwaye mumutwe..... Tembatemba Nkurunziza hararengeranye ....

  • Peter Nkurumbi ariko atera igere ryanyuma arihenda cane twahagurukiye abasuma abicanyi ,abasuma ,abambuzi.bitebe bitebuke adolphe,nkurumbi,bunyoni,ndakugarika ,n’abandi tuzobafaTA

  • Aba leaders babahutu nibo baguiye mwibarabara , .reka bamarane

  • OYA TURAMWIYAMIRIJE NATWE YATURAMBIYE

  • Komerakomera Burundi fuckthem up kugezankurunziza yomotse ntimutezure tumugire nkakadafi

  • ZANA UMU CANDIDAT TUMUHE AMAJWI MU MATORA AHIGANWE NA NKURUNZIZA NIHO MUZOBA MUCIYE MU NZIRA YA DEMOCRATIE

  • Enda sha wew ufi7 ugwankokubatuts uteshw ute!uratohoz historic yabo!aho urik wurir igit kiturirwa

  • NKURUNZIZA NIYUBAHIRIZE AMATEGEKO AKINGE AMARASO

  • Nenenikuberi Piter Adashakakurekura?Arukuronkantiyarose Eregaagombakudutamukaga.Noneatinyaik?

  • Voilàla démocratie tel que enseignée aux Africains par les occidentaux!! Guhererekanya ubutegetsi, bitaba uko igihugu kigasambuka!!? Kanguke murabe, ntimuhave mwisamburirako nk’impene!!!

  • burya ntubona barya bantu kwatari abarundi aryamasura say A Barundi naba congomani bakotesheje navyabidoma vyaharya kur bata vyirirwa birasopa abantu vyovy vyar vyeje kugirang vyiking imigumuk barnke ingen babakora mumifuko

  • ariko KAGAME arindiyiki kugirango afate abobamenja nabo bicanyi
    turibaza yuko atazorindira ibara riguye ngo aje gutabara
    nukwambura imbuda abo ba DD ni zo mbonerakure kugira ngo
    amahoro asubire gusagamba mu banyagihugu

  • mwebwe sindabumva muja mwibarabara kwiyamiriza ikiringo cagatatu yaba nyakubahwa umukuru wigihugu ntaco aravuga none nkubu bobamena imitwe mwoba muzize iki ndababwire mwibagiye muri congo ivyabaye abantu bagiye mwibarabara biyamiriza kabira barabarashe aca arareka kwitoza bugabo amaraso yasesetse none namwe ibitwe barakurako ntakabuza

  • mwebwe sindabumva muja mwibarabara kwiyamiriza ikiringo cagatatu yaba nyakubahwa umukuru wigihugu ntaco aravuga none nkubu bobamena imitwe mwoba muzize iki ndababwire mwibagiye muri congo ivyabaye abantu bagiye mwibarabara biyamiriza kabira barabarashe aca arareka kwitoza bugabo amaraso yasesetse none namwe ibitwe barakurako ntakabuza

  • None ubu abafashwe barihe none president yabivuze hiki?

  • IMBONERAKURE zigire zirungikwe kugarura amahoro muri SOMALIA eka no kugarukana ku nguvu impunzi ziri mu Rwanda

  • nibarindire kuko umukuru w’igihugu ubwiwe ntaco aravuga,none wumva abababuza batagifise icitwazo,burya mukirundi barayamaze bati:imbwa yarihuse ivyara ibihumye!

  • Mudutohoreze amakuru avugako igisoda c’u Burundi kigire gitere u Rwanda mu ntumbero yo kugarukana impunzi zanse gutaha

  • twamatubivuga munyumvira babatutsi barimwo banininahazwe nsbandi babahenze bidukimbere bibonekeko sribobariko biyamitiza umuhutu nkabo ejo uxumva bitwengera minani kibera afisamazuru manini yitimbere ngeariko arahabuza urubanza rwabishe ndandaye rwatabananiye nibatekereze ejobazibazwivyibakozentibagirengobarera naburya uwutwara ONU yabihakanye bazojahe kwariwe bandikira burumusi bihangane

  • None ka Pacifique kari hehe?ko gaheruka kagumura abo batagiricobakora ngo barajwe ishinga na 3e mandat!!

  • HAKUNA MALEFU YASIYO KUWA NA NCHA,The imperialist gorvernment will not last forever

  • ngo imbonerakure zitere iki urwanda hhhhhaaaaa urantwengeje cyane cyane rwose kuko nibaza ko ayo interahamwe zahaboneye akwiye hhhuuu hari ibintu bitiyumvirwa urwanda ni igihugu cy kiyubashye sigihugu cy indangare batoba uko bishakiye karibu

  • ngo imbonerakure zitere iki urwanda hhhhhaaaaa urantwengeje cyane cyane rwose kuko nibaza ko ayo interahamwe zahaboneye akwiye hhhuuu hari ibintu bitiyumvirwa urwanda ni igihugu cy kiyubashye sigihugu cy indangare batoba uko bishakiye karibu

  • Mana garukira uburundi uduhe indongozi zasizwe amavuta atari indongozi zifise inyota yivyisi

  • Mana garukira uburundi uduhe indongozi zasizwe amavuta atari indongozi zifise inyota yivyisi

  • Ewe peter uratumaramaje,jewe ivyo vyose vyari imbere nta nakimwe cari gusubira i muhira,bigenda gute ko abantu bagumura igihugu ku minsi y’akazi en plus ibinyamahanga qui n’ont rien àfoutre de la destruction de notre pays bikaba arivyo bija mw’ibarabara gucafuza amabarabara vyambura impuzu ,vraiment nk’uko nama ndabivuga ivyo bihut bishaka kudusubiza inyuma vyotuma bipfa hagasigara bake bazima,ewe peter ico kigongwe cawe kirakadukoreye pe!!Ivyo bihutu ntibibonako abatutsi bakokerereza bo ata numwe yabakurikiye,fyeta ivyo vyose ndakurahiye akajagali gahagarare,ivyo binyamahanga vyo mu ma quartiers tuvireho twimenyere ivy’igihugu cacu!Ntimuzi ingene catugoye kugwanira,peter erekanako wagwanye amahanga niyaza on assume,umugabo arinda akaje!

  • Uko bigenda kwose mumenye ko abari mu migumuko bari mu mice ibiri: Hari abayiteguye bazi neza n’ico bashaka gushikako bitwaje 3e mandat, hari n’abandi bariko bapfa gukurikira nk’intama. Mbega harya ko amafoto yose mbona bashize imbere ari ay’abahutu, koko nibo bateguye ubwa mbere iyi migumuko?
    Mwibuke ko abantu bambere batanguye kuvuga imigumuko kuvya 3e mandat atari Minani; atari Mugwengezo; abakije ako kariro ntibanabonetse muri iyo migumuko. Uwuri n’ubwenge niyiyumvire ico ivyo bisigura.

  • Ushobora kuhasiga ubuzima kandi abana bobo ba politicians bigaramiye muri za etaje,kaminuza,iburayi.

  • EREGA SI MANDA TURONDERA. NICITWAZO GUSA.HARI IBINDI BIRI INYUMA TUZOBIVUGA HANYUMA. TWAHAYE AMAHERA BABA VENDEUR NABA COMMISSIONNAIRE BO KURI BATA NA KIOSKE EN FAIT HABAYE AKAGUMA HAGATI YA POLICE NABO BANU.NKA MINANI JEAN NTA NA 5 % AZORONKA , MBERE VYOFUMA NA MURWENGEZO KUKO BIYUNZE MURI UPD, KANDI BARYA BA FRONDEURS BADA DD NUKURABA KO BATAJE KUTUDORIYA INTUMBERO YACU

  • Igihugu c’uburundi si cende caborewe.abo bajinga bashaka kudusubiza inyuma ni ukubakosora.hama ivyo binyamahanga vyataye igihugu cavyo vyoye kwivanga na politique y’uburundi kuko ababipfa ni ababisangiye. Mesa iyo mihimbiri uwanka yangare.amahorovtwayaronse bitugoyey ntawe tuzihanganira agomba kuduta mu manga. Ba hutu aho mwakabereye ibikoresho vy’abatuysi ntimuraruha?kanura mubone!

  • Murondere ubwo bugore bwishize imbere ndabona namafoto yabwo aboneka neza nukubumesa.uwu mwabonye wewe arimwo nukumutumenyesha nugufungwa atakubabarira.igihugu ntimugifate nkuko iri icanyu,abo nabo bahungira murwanda ngo noho abanyagihugu bafise ijambo,ukwishira no kwizana ahubwo muce musaba babahe nubwenegihugu ariko ababivuga ngo niho hari droit do l’home ndabasetse caaaane ntabwo muzi aho mugiye nivyo muriko muravuga

  • PERESIDA WACU TUZOMUTORA 100%KUKO AGIRANEZA ATUYOBORA MUMUTEKANO AHUBWO IMANIMUFASHE,

  • je pense que nous, en tant que Burundais et patriotes de notre chère nation; devrions pousser plus loin et bien reflechir!!!ubwo ntimubona ko ibibintu bitey isoni!! iri niryo ragi tuzoraga abana nabuzukuru yuko mu Burundi ata narimwe tuzigera twumvikana ngo dushire aho intahe ishize canke ngo tumenye kurondera umuti tutiriwe turiyandagaza bene umurango bihera amenyo!!!!ikibabaje nurwaruka rukurikira umuzimiza!!!!Imana nituronse amahoro nindongozi zasizwe koko!!!!!!

  • Abarundi.Turarushe Mana Tabara Igihugu Cawe

  • Burya abo baja mwibarabara boba bazi ko igihugu gifita amategeko akigenga? Rwaruhusha bari baruronse? Nosaba ko abarundi batohendwa ngo birirwa barasinzikazwa ubuzima bwabo.mbe President yoba yaramaz kuvuga aho ahagaz? Kuki bihuta kumenya ikiri mumuntu atacivugira? Cank izo greve zifita iyindu ntumbero!

  • Aba CNDD baza muco bise Mvako, ntawabakubise, abakubitwa bo barazira iki hahahahaha Petero mazina, Demokarasi oyeeeeee mu burundi, abahunga ntaco bahunga hahahaha, yewe ga barahunga ubusa yego daaaaa, narumiwe mbandoga ntiba.

  • MUVYUKURI IVYO MWAKOZ NIVYO ARKO MUKARABA NTIMUHUNGABANYE UMUTEKANO KUKO NAH’ARUKO NINYUMA YAMATORA UBUZIMA BUZOBANDANYA.

  • none nkabo batama nano bakecuru bariko baziriki ntimwore abababipfa nababisangiye

  • jewe,ndi.ikigari.ese.uwomuperesident,yanze.kuvakubutegetsi,ashaka.iki?esé.azotorwa..nabande.?kombona.nabamutoye,bashiriye,murwanda.ese,abdi,tuzibohora,ryari?ubdi,bumaze.kuba.ubwanyuma.mubihugu.bihorana.imishamirano.nokumvikana,guke

  • jewe,ndi.ikigari.ese.uwomuperesident,yanze.kuvakubutegetsi,ashaka.iki?esé.azotorwa..nabande.?kombona.nabamutoye,bashiriye,murwanda.ese,abdi,tuzibohora,ryari?ubdi,bumaze.kuba.ubwanyuma.mubihugu.bihorana.imishamirano.nokumvikana,guke

  • @ hakiza eric
    Sha uburundi mbona bwihagararako,urabaza muri somalie ho c’est grave haba abatutsi gusa,reke nitwengere,naka gahengwe kahari hano nuko hari abahutu b’ababanyamahoro,somalia ni igihugu cafuditse kuri carte d’afrique ,raba ababayo,nibo bamwe baje kuba mu bihugu vyacu rero ntibigutangaze imishamirano idahera,twaratewe dutegerezwa kwikingira no gukingira abana bacu!

  • URWANDA NIRUBE RURAGURA INKAMBI KUKO TWESE TURI MUGUHERA

  • Ijew Icovuga Nibarindir Kuwa 30 Ndamukiza Niho Tuzomenya Icodukora Iyongendo Yaba Porisi Nayo Ntihumiriza Namba Aruwo Bafashe Nibamufunge Batarinze Kumusinzikariza Ubuzima

  • amase ya kera ntagihoma urutaro aho akagwi kabantu badashika ijana bategura gutembagaza reta bigaca birara bibaye. ubu ni demokarasi. mugihe abarundi beshi tugikeneye piter ategerezwa kugumaho ndetse no muri 2020 ategerezwa kuzogumaho kuko ategerezwa kutuzanira ibwirizwa shingiro yarihinduye tumuhe uburenganzira bwo kuzogaruka abandanye adusongesha mwiterambere

  • abobantu nibareke kuja mumabarabara nibareke dusimire umukuruwigihugu cacu kuvyiza yakoze ntabwo twomwishuramukumwiyamiriza

  • rushimabahizi laonidas

  • Reka dukebure icogipolice kuvyo bariko bagirira abanyagihugu Mukubaburagiza nibamenye ejo bigahinduka ko bazoca Baja kuragira impene iwabo abandi bagafatwa kuvyo bakoze kuko imbonerakure bazikingira hama abandi bakababuragiza

  • Mana kiza uburundi. Mushyire imbere urukundo n’ubumwe

  • Ntawasumvya amanyama nakagagazo umukuru wi gihugu wa cote divoir ariko yaratekereje . Nawe narindire azibonerako.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.