IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Afrika : Urubuga ngurukanabumenyi rwa Reta y’Uburundi ruri mu bibanza vya (...)

Afrika : Urubuga ngurukanabumenyi rwa Reta y’Uburundi ruri mu bibanza vya mbere

jeudi 21 Myandagaro 2014

Ibisata vyo kumenyesha amakuru mu biro vy’abakuru b’ibihugu vya Afrika, biri mu vyashizeho urubuga rw’ubuhinga ngrukanabumenyi, mu ntumbero yokumenyesha ibirangurwa n’abategetsi b’ibihugu.

Urutonde rwashizwe ahabona n’ikinyamakuru Jeune Afrika, rukerekana ko Uburundi buri mu bihugu vya mbere vy’Afrika, ibiro vy’umukuru w’igihugu bijejwe kumenyesha amakuru vyashizeho urubuga ngurukanabumenyi, urwo narwo rugatanga inkuru z’ibirangurwa na Reta y’Uburundi (www.fr.presidence.gov.bi). Ku bihugu 55 vy’Afrika bifise urwo rubuga ngurukanabumenyi rukorera mu biro vy’abarongoye ibihugu vyabo, Uburundi bukaba bugira ubwa cumi na gatandatu(16) n’amanota 5,33, mu gihe igihugu kiza ubwa mbere ari Togo gifise amanota 8.

Mu karere Uburundi buherereyemwo, hatangura igihugu ca Kenya gifise ikibanza ca kabiri n’amanota 7,17 hagakurikira igihu c’Ubuganda gifise ikibanza ca gatanu n’amanota 7, Uburundi bukaza mu kibanza ca 16 n’amanota 5,33, Urwanda ruri mu kibanza ca 17 n’amanota 4,49, Repurika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nayo ikagira ikibanza ca 30 n’amanota 3,42 nayo Tanzaniya ikaba iya 37 ifise amanota 2,58 aho inganya n’igihugu ca Zimbabwe.

Kuri urwo rutonde, ibihugu bifata iya nyuma akaba ari Congo Brazaville, Djibuti, Guinée-Bissau,Tanzaniya hamwe na Zimbabwe, vyose bikaba bidashikana amanota atatu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nonega uburundi kobufise amanota meza nkabanumvako arubwambere mubihugu bikenye bubigenzagute mukugirango bwiyungunganye busumvyamanota ibihugu bikomakomeye kivyo?God bless B.R.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.