IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Amategeko agiye kugenga urubuga Facebook yatanzwe

Amategeko agiye kugenga urubuga Facebook yatanzwe

mercredi 18 Ntwarante 2015

Urubuga ngurukana bumenyi Facebook rwashize ahabona amategeko yo gukoresha urwo rubuga.Ubutumwa bw’ubwicanyi canke bw’abihevyi kiri muri kimwe kigiye kutemererwa kuja ku rubuga rwa Facebook.

Urubuga ngurakana bumenyi Facebook rwasohoye amategeko agiye kugenga urwo rubuga mbere baranatanga n’insiguro ikwiye y’ukuntu bayakoresha.

Ibikuru bikuru biri muri ayo mategeko, harimwo ibikorwa vy’iterabwoba bitagiye kwemerwa kuri urwo rubuga. Facebook ntigisubira kwemerera imirwi yamamaza iterabwoba canke yamamaza urwanko hamwe n’amashirahamwe y’ubwicanyi gukorera ivyo bikorwa kuri urwo rubuga. Ubutumwa rero bwose bwamamaza iterabwoba bugiye gukurwa ku rubuga Facebook. Ubu Facebook yaramaze gutangura kugara amasites atanga ubutumwa bw’umurwi w’abahevyi baba Djihadistes.

Ibindi bigiye gukurwaho kuri urwo rubuga, n’amafoto y’abantu bambaye ubusa kiretse amashusho y’abagore bariko barosa hamwe n’ayandi mafoto yerekana uburwayi bw’abantu. Amashusho arimwo abantu bambaye ubusa ntagiye kwemerwa ku rubuga Facebook.

Si ivyo gusa, abakoresha urubuga Facebook basabwa gutegerezwa gukoresha amazina yabo y’ukuri, amazina basanzwe bakoresha mu buzima busanzwe.Ico kintu co gukoresha amazina y’ukuri nticakiriwe neza n’abasanzwe bakoresha urubuga mbere abantu benshi baranagiharirako.

Urwo rubuga ruzofuta ubutumwa bwose burimwo guhugabanya umutekano canke ubutumwa butuma haba uruhagarara mu bantu.Facebook ikoreshwa n’abantu bangana imiriyaridi 1,3, imaze guhagarika ibice 11 kw’ijana vy’ubutumwa buca kuri urwo rubuga, kubera buhonyanga amategeko y’igihugu.Vyongeye, ibiharuro vy’ubutumwa buhonyanga amategeko y’igihugu vyahagaritswe n’urwo rubuga, vyaraduze biva kuri 8774 bigenda kuri 9707.

Mwomenya ko Facebook atako idakora kugira ishimishe abayikoresha mu gihe igiye gushiraho uwundi mugambi wo kurungika amafaranga biciye kuri urwo rubuga hagati y’abakoresha Facebook mugabo basanzwe ari abagenzi.Ubwo buryo bukazotangura gukora mu mezi ari imbere.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.