IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Agathon Rwasa : "Abahatswe kungandagurira umukenyezi bari bakingiwe"

Agathon Rwasa : "Abahatswe kungandagurira umukenyezi bari bakingiwe"

lundi 16 Ntwarante 2015, par Paterne

Inyuma y’aho umukenyezi wa Agathon Rwasa ahatswe kugandagurwa, uwo arongoye urunani RANAC amenyesha ko ababikoze bari bakingiwe n’imiduga mbere yarimwo n’abaporisi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru muhira iwe, Agathon Rwasa akaba yavuze ko hamwe yogandagurwa uwu munsi canke ejo, ntakindi azoba azize atari poritike, narirya yemeza ko ata kandi kazi akora. Avuga ko umukenyezi wiwe ata n’umwe baravugana nabi, ko ata n’umwe bafitaniye ideni, ko ata kindi yagira azire, atari imvo za poritike. Amenyesha ko amaze kuronka amakuru menshi y’ingene azicwa, abazomwica, mbere akavuga ko amaze kumenya n’ahabera amanama, ahitwa kwa General mu Carama, izo nama zikaba zitabwa n’abantu batandukanye harimwo uwitwa Kazungu.

Rwasa Agathon amenyesha ko hari n’imigambi yo kuzica bamwe mu banyeporitike, abamenyeshamakuru bamwe bamwe, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike n’abandi, kugira ubwo bubisha buze bukunde, hakaba hari imiduga n’abantu bateguwe kugira baze babikore bafashijwe n’abacangero b’abasomaliya, bariko barahabwa inyigisho mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, mu misozi ya Kiliba Ondes, Kamanyola, n’iyindi, abo nabo bakaba boba baraye barinjira mu gihugu c’Uburundi nk’uko Agathon Rwasa abivuga.

Ariko reo uwo mukuru w’umugambwe FNL wigenga akavuga ko atariko arava mu Burundi kugira asubire guhunga, naho asa n’uwuriko araterwa ubwoba bikomeye. Avuga ko hejuru y’imanga hari Imana, ko igihe c’ihinduka kigeze, kandi ko abarundi imiriyoni, batazocibwa imitwe bose. Asaba abanywanyi biwe kuguma bafatanye mu nda, ntibacike inguvu, kandi akabasaba n’ukutihora, kuko bigaragara ko bariko barasomborotswa, kugira bashobore kuronka aho babaca, bicwe abandi nabo batabwe mu mvuto. Avuga ko abariko barica abandi, bategura amanama yo kwica inzirakarengane, buca bamaramara, narirya abarundi isinzi bashegeshwe n’amabi atandukanye, akorwa muri iki gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ishinge uvuge ibihimbano ubure gucubwenge ukabonakure nayahandiho abagutesheje ijambombo mumatora yomiri 2010 baragusubira ndakurahiye! Bivugwango: Nubwo dushaka kweneza amakunguko amatora ahagarikwa ngontibizokunda mugihe Rwasa Agathon akiri Burundi, ngico ikiriko kirakorwa cokugira Rwasa yomoke mazengwacabafasha babanje kumuhekura hahaaa plotique ni danger, ngwabacangero baba Somalia! Abacangero ntiborinda kuvahariyahose harihabashoboye akokazi ngaha Burundi nomubihugu bibangikanije nu Burundi.

  • HUMURA IMANA IRUMVA KANDI IRABONA IVYABAYE VYOSE YARABIBONYE
    IGIYE GUHAGURUKANWA NOGUTABARA ABAYO TUTIHANYE NGO TUREKE GUKORA IVYAHA TUGIYE KUMERA NKA SODOMA NA GOMORA NDABAHAMAGARIRA KWIHANA MUGASABA IMBABAZI UMWAMI YESU NAWE AZOTUBABARI.URAGOWE WEWE UVISHA AMARASO YABO UTAREMYE.

  • UKURI KURAZWI, ICO AZIRA NUKO UWARI YAMUHUNGISHIJE I NAIROBI BAVYARANYE KANDI ARI UMUTUTSI,AGATHON UBWIWE NIWE YAGOMBA KUMUCISHA.MURA GIKURIKIRANA NEZA,MURABE URYA MWANA WIWE ADASA NUMUNTU YAGANDAGUWE KANDI BIVANYE.

  • humura mutama Gwasa abarundi isinzi twifadikanij naw muvyoroshe no mubikomeye! Kandi ntukadohoke kurugamba gwa politque wiyemeje-

  • humura mutama Gwasa abarundi isinzi twifadikanij naw muvyoroshe no mubikomeye! Kandi ntukadohoke kurugamba gwa politque wiyemeje-

  • Ariko rero turabe imvo ni mvano zotuma twicanya. Nimwibaze havugwa yuko reta ivanze bisigura ko harimwo abahutu n’abatutsi arko amabi yose akorwa bayashira kuri peter. Muntahure neza ntabwo ndimwo kuvugira peter ahubwo ndimwo kuvugira kuba HUTU. Ubwicanyi buraba vyose bikaja k’umutwe w’umuntu umwe. Ico novuga nuko tworaba neza kuko uko mbibona nakare Pierre Buyoya yavuze ati nzogitora bagitaye bisigura ko ivyo vyose birimwo biba mu gihugu iwacu,intambamyi ya vyose ari umututsi kko ashaka kugaruka kubutegetsi,ashaka kuducanishamwo tumarane hama agitore. Barundi barundikaze nidukanure turabe iyo turiko turaja. IMBEBA IKURYA IGUHUHA kugira utumva ubu babare

  • Ico nosaba nuko Peter n’Agaton bokwicara hamwe bakiga kukibazo kirimwo kumara aba hutu bagenzi babo? Mbese nikuki se batokwicaye hamwe bakiyumvire ninde arimwo kubaryanisha? Ahubwo iciyumviro mfise soit igihugu kije muri trasition hama baje hamwe bige kukibazo birimwo kuba baho hama bahane ibiranga minsi vyo gutwara nimba ari imyaka 5 akaba yakoze neza bakamwongera 2 akahava hajaho uwundi yakora nabi agatwara 5 gusa akahava hakaja uwundi. Kubwivyo rero turabe twibuke rero ko n’abagenzi bagishaka kandi aribo barimwo kuducanishamwo bashaka ko ingwano yoba hama bagifate kandi. Funguweni macho

  • humura mutana gwasa abarundi isinzi turi inyuma yawe

  • ikimbabaje nuwo mupfasoni wawe winzira karengane gusa noyo we we ningombwi wicwe nawe wishes beshi mbe ga ntawuhiganayo na Deo barihe harumupasitori yatubwiye ngwimana ikoresha umunyakibi mugguhana ikibi nawe ntiwigire inntungane rindira amarasa ya abeli aratakambira uhoraho ijo numurango

  • Nelson,reka ndakubgire uracari kure nku kwezi,ww ugifise ubgoba kw’abatutsi bosubira ku butegetsi,ww ucifuza ko igihugu cotwarwa naba hutu gusa uracahumye n’ukuri,ncuti yanje u Burundi ntibukeneye numu hutu canke umututsi ahubgo dukeneye incabgenge,mutegetsi wukuri,un vrais leader afise vision yiterambere nyakuri,ntituje kure kugire ndaguhe akarore ,Havyarimana Juvenal yamaze imyaka ingahe kubutegetsi ntiyari umuhutu yakoze iki?,ariko u Rwanda rwubu hariho comparaison wogira nurwakiriya gihe? Kagame numu Tutsi ariko ikiza ubgambere numunyarwanda, natwe nka Barundi twari dukwiye kumenya gutora ntidutore ubgoko ahubgo kuraba uzodutwara akadushikana mwitera mbere nyakuri.

  • Reka buyoya azocitorer abo bagabo nabicanyi na basuma

  • NTAMUNTU YOFATA INITIATIVE YO KUMANIKA AMAFOTO Y’ABO BICANYI NKA KAZUNGU N’ABANDI KUGIRA TUBABONYE TUZE TUBABISE BATARAKORA IBARA’? EREGA NGO UMUKENYEZI WA NIYOMBARE YATUNZWE NUKO YARI AMUZI.

  • ABA PORONA WIMADITSEKO BAZOKWEREKA KO ATARI ABANA!!!!!!!! BAMWE BARASA KURUGO RWA GASTON NIBO BARASHE MUKAWE!!!!!!!!!! IYO NINKURU TUYIVOMYE MWISOKO RYACU RYAMAKURU RYO MUBAPORONA BABATINGINGWA.

  • BA MUBESHA MWIYUMVIRIYE!!!ARIKO NI NDE ATARI DD YOKWICA MUKA RWASA???REKA BASHA NI NDE AFISE POLICE IKINGIRA UMWICANYI MU GISAGARA??MBE KUKI ABA DD BATINYA RWASA ?UBWO SIWE YARI YATSINZE MURI 2010 KO UMENGO BISA NAVYO??NONE UMUNTU ATAGIRA UMUGAMBWE BAMUTINYIRA IKI???BARAGOWE IMANA IZAMA IBEREKANA..UMUVYEYI ARWARE AKIRA !!!

  • Imana niyomushobora vyose,ndetse n’uguhora nukw’imana.Imana iramubona.

  • humurav humura iyo ni stratégie ikibiri kiriko kiragira.....warabonye abantu bahusha uwutariko ararwana....reka sha reka twarabahinyuye...imbonerakure nguvu....mugume mwitekerereza murabe uwuzoza kubasomborotsa ko bazi ubwenge.
    NKURUNZIZA yatowe rimwe kandi tuzomwongera....urazi amashure yubatswe.....urazi ingene abavyeyi bavyaara kubuntu...!Mutama wacu uwuwshaka gutera intambara nabe arambara amagodiyo tuzomwifatira kandi uhezagirwe mu mirimo yawe ya misi yose.
    Twebwe dukeneye amahoro...kandi turayafise kuko ntawurara adasinziriye mutama....uwuzotuvyonga araza.Komera.

  • none nkinkozizibibi zago mbakwica uwo mudamu zamuhoriki.yooo nibarindire .baramenyekanye budakeyenaka biri.arko uguhora nukw imana

  • Wewe witaziriye nduwimana wanakoze kuryandika mundome ntoya kuko bifise ikintu kinini bisigura kimwe nivyo ndagusavye udatinya ntusonere abantu sonera IMANA yoyo.cokimwe nuwo ngo ni burundi ntanazi ni gituma Imana yaremye uburundi ivyo vyose muvuga birarurira Uwuhoraho kubera ivyose rero igira ibadahwe nimutihana ubu vuba bwango!Kuko igihe Imana yihanganiye abangushi nkamwe kigiye kurangira!

  • Komera nduwimana na Burundi, nabandi babonakure nkamwebose, maze uwubanka abandureko.

  • mbega RWASA aribuka amabi yadukoreye,abantu bacu yicishije ubufuni,yibazako twavyibagiwe? Aribuka mwene wacu Anicet NTAWUHIGANAYO yicishije agafuni?Ntaryame ngo asinzure natwe ntitwicaye gishika......

  • Kira mugenzi, siwe wiremye Imana irakubona. Burya ngo iyi kuburiye ntiba iki kuriye. Komera imana iriho!

  • EMWE ABARUNDI BARANTANGAZA AGAKOMYE KOSE NGO NI IMBONERAKURE MBEGA NIZO WISHE MURI 65,69,72,88,91,93 NO KUDUGA? MBONA NABISHE NDADAYE ATA N’UMWE ABARYA URWARA NGO BIZOCA MURI VERITE ET RECONCILIATION. REKA KUBA MUKORA ABANTU MUNKOVU KUKO BARAYAMAZE BATI "UKORA HASI UKIBUTSA INGURYE IBUYE. NOHERAHEZA MPAMAGARIRA ABARUNDI KWAMA NA NTARYO BASHIRA IMBERE INEZA YABO N’IGIHUGU AHO KUGISAMBURA.

  • ubwicanyi ntawe bwereye ivyiza mbonako umuntu wese yokwiberaho

  • mutama.rwasa pfa kurindira abo bansi bazota bomoke bapfe bayerera abandi bazokwirikira bgagbo barazi iyo ari nabo bari basangiye ubwicanyi muri cote d,ivoire

  • nurindire mutama .irya tariki ya 26

  • Mutama humura ibintu bizohinduka abakwipfuriza bose inabi bazomaramara babonye imana ikugiriye neza natwe abarundi turabibona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.