IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Agence Umuringa yarasayanganye muri « Rwanda Cultural Fashion Show (...)

Agence Umuringa yarasayanganye muri « Rwanda Cultural Fashion Show »

mercredi 11 Nyakanga 2013

Agence Umuringa mu birori vya « Rwanda Cultural Fashion Show » yarashimishije abari bitavye ivyo birori. Biciye mu nyambaro n’ibindi biranga akaranga k’ikirundi. Yaratanze ishusho ryiza ry’ivyiza vy’Uburundi ku bantu baraho.

JPEG - 77.2 ko
Isanamu yafashwe na Nib Studios

Agence Umuringa yishinze kurata akaranga n’ubwiza bw’akaranga k’Uburundi yari yitavye ubutumiro bwo mu birori vya « Rwanda Cultural Fashion Show » vyasozera indwi yahariwe umuco n’akaranga Kinyarwanda. Ibihugu bitari bike vyari vyaserukiwe muri birori vyabereye muri Kigali Sport View kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2013. Ibihugu vyitavye ivyo birori vyarahawe akanya ko kurata imico n’akaranga cavyo. Uburundi bukaba bwari bwaserukiwe na Agence Umuringa. Aho bahawe akanya ko kurata ivyiza vy’igihugu c’Uburundi bacishije mu nyamabaro n’ibikoresho kama ku Burundi.

JPEG - 18.2 ko
Isanamu yafashwe na Nib Studios

Ibigeme batatu n’abasore batatu nibo basayanganye muri ivyo birori. Aho bashogomanga ku karirimbo « Il est beau mon pays » ka Steven Sogo, umugungu umwe avuza ingoma, uyundi nawe bambaye imbega ifise icumu i buryo. Abigeme nabo, umwe yambaye imvutano uwundi ibitenge, bashonyanga bafise ibiseke, ivyakunze, ibisabo. Ntibasize inyuma kwambara impuzu zikozwe mu biti. Abatumire bari baje kuraba ivyo birori bakaba barakomeye amashi menshi ivyo vyiza bariko barerekwa.

JPEG - 11.2 ko
Alice Anny Akingabiye, umuyobozi wa Agence Umuringa,

Umuyobozi wa Agence Umuringa, Alice Anny Akingabiye, yari yaherekeje abo bigeme n’imisore bo muri iyo Agence yamenyesheje ko kumwe n’abo bajanye banezerejwe cane gose n’ukuntu abantu bakiriye ivyiza berekanye. Alice yanatubwiye ko buca ivyo birori biba, abacapa impuzu bava mu bindi bihugu basavye abo bigeme n’imisore b’abarundi ko bo kwambara impuzu zabo mu birori nyezina. Alice Anny Akngabiye ati : « Naho Agence yacu ikiri nshasha, ubumenyi turabona ko tubufise kandi biduha ingonga zo gukomeza ibikorwa». Yanatubwiye ko ari irya mbere Agence Umuringa igiye mu birori biri ku rwego mpuzamakungu.

Mwomenya ko iyo Agence Umuringa yishinze ukurata ivyerekeye ubwiza, ivyo gutunganya ibirori . Ku mpera w’iyi ndi, Agence Umuringa ikaba yiteguriye kuja i Bukavu mu buseruko bw’igihugu ca Repubrika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Aho bakazoba bitavye isabukuru ryitwa « East African Fashion Night ».

JPEG - 91.8 ko
Isanamu yafashwe na Nib Studios
JPEG - 87.5 ko
Isanamu yafashwe na Nib Studios

INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.