Accueil > Amagara y’abantu > Akamaro n’iciza co kumenya umugwi w’amaraso urimwo
 Akamaro n’iciza co kumenya  umugwi w’amaraso urimwo
 Akamaro n’iciza co kumenya  umugwi w’amaraso urimwo
				
				mercredi 20 Ruhuhuma 2013
Mubushakashatsi bwakozwe,havugwa yuko hari imigwi ine y’amaraso.Nayo n’iyi :A,B,AB na O.
Muri iyo migwi yose uko ari ine,umwe wose ufise uko ukora
Aho umuntu yoca yibaza ni ryari bikenewe kumenya umugwi w’amaraso umuntu afise? Ngo ni vyiza kumenya umugwi w’amaraso hakiri kare kuburyo hagize nkikiba kibi cerekeranye n’amagara na cane cane n’ivyerekeranye no kubura amaraso,bashobore gutabara.
Aho twovuga nko mu gihe umuntu yakomerekeye mumubiri ivyo bita hemoragie interne,mu gihe umuntu yagize isanganya,mu gihe umuntu yakomeretse cane bigasabwa ko bamushona  bakanamubaga canke mu gihe umukennyezi yibarutse akava cane.Kubwivyo, n’ivyankenerwa ko umuntu amenya umugwi wiwe w’amaraso.
Kugira umuntu yirinde ivyogorana kuvyerekeranye n’iyo migwi y’amaraso,ngo n’ivyankenerwa kwubahiriza ibijanye  no gutanga amaraso  kuwugiye gutanga ayo maroso no kuwugiye kuyaronka.
Kubw’abahinga babinonosoye,ngo kumenya umugwi w’amaraso birashobora gufasha nko kumenya no gutora nk’izina rya se w’umwana.
Akandi kamaro ko kumenya umugwi w’amaraso, ngo n’uko iyo umuntu yipimishije akamenya umugwi arimwo,araronka agakarata k’umugwi wiwe arimwo kakaba nk’ikarata imuranga.
Ngo iyo umuntu atazi umugwi wiwe w’amaraso, n’uko ataba yiyizi vyukuri.
Uwukunda ubuzima n’amagara yiwe arabikingira amazi atararenga inkombe.
Mariella Bukuru

Messages
13 Mukakaro 2017, 13:02, par niyomwungere armand
dusigurire umugwi umw’umwe muri iyo ine yose,
umuntu afise uducafu dukeyi kugitigu yokora ikarashishi?
8 Ruheshi 2018, 20:43, par BANYIYEZAKO Cécile
Andika hano babibabwira kuko babakunda kandi ritera nindwara nyishi .naho boba barinwa ntibipfuza kabana babo borinywa kuko aribo kazoza kigihugu. Muri make bashaka ntibaz bandure izo ndawara.