IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > Amasezerano y’ugucudika kwa FESTICAB na FESPACO

Amasezerano y’ugucudika kwa FESTICAB na FESPACO

mardi 11 Ruheshi 2013

Kuri uyu wa kabiri,isabukuru ry’amareresi FESTICAB n’isabukuru ry’amareresi FESPACO vyasinye amasezerano yo gucudika mu vyerekeye amareresi n’ibindi bikorwa bijana.

Mugatondo kuwu wa kabiri, hasinywe amasezerano yo gukorana hagati y’isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi ryo mu Burundi, FESTICAB, hamwe n’isabukuru ry’amareresi ry’i Ougadougu, FESPACO. Ayo masezerano akaba yarahagarikiwe n’ubushikiranganji bw’inkino n’imicukama bw’Ubwurundi. Yari yatewe kandi iteka n’uwuserukira Ubufaransa mu Burundi.

Léonce Ngabo yaserukiye FESTICAB yamenyeshije ko ayo masezerano azogirira akarusho ntangere isabukuru rya FESTICAB kuko FESPACO ryo rimaze imyaka 46, rimaze kuronka abo bakorana benshi muvyerekeye amareresi. Kuri ubwo rero , FESPACO rizofasha FESTICAB mu kurironsa abagenzi bakorana muvyerekeye amareresi. Ngabo yabandanije avugako , FESTICAB kuruhande rwayo, naho ikiri ku myaka 5 gusa itanguye, izoshobora gusabikanya ubuhinga imaze gukura muri ubwo buto bwayo. Vyongeye, kuba iherereye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, kazoba akaryo keza ko kwunga urunani na FESPACO ryo riherereye muri Afrika y’Uburengero. Gutyo ngo inguvu zizoba nyinshi kugira ubumenyi buhanahanwe neza. Ivyo vyose rero ngo bizotuma ahanini ireresi zo muri Afrika zitera zija imbere.

Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi yashimye cane ayo masezerano hagati yayo masabukuru. Uwaserukiye ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama mu Burundi nawe araheza yitsa uwaserukira Ubufaransa mu Burundi. Uwaserukiye ubwo bushikiranganji ati, ni ikintu ciza kigiye gutuma n’urwaruka rukunda ivyerekeye gukora amareresi rushika kure.


Luc-Noel INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.