IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Amashure yugawe muri Niger kubera indwara ya Mugiga

Amashure yugawe muri Niger kubera indwara ya Mugiga

jeudi 23 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu , yavuze ko amashure ategerezwa kwugarwa i Niamey kuko mugiga yahashinze imizi.

Amashure yo ku murwa mukuru wa Niger, Niamey, no mu micungararo yawo, akaba yugawe gushika ku wa mbere kubera ikiza c’indwara ya mugiga(meningite) kimaze kwica abantu 85 muri uyu mwaka.

Ubukene bw’incaco zo gukinga iyo ndwara nibwo bwatumye ico kiza gikwiragira, nk’uko abategetsi babivuga. Isekeza ryo gucanca abana bafise imyaka iri hagati y’ibiri na 15 rizotangura ku munsi wa gatanu, ariko ica kabiri conyene c’incanco imiriyoni imwe n’ibihumbi 200 zikenewe nizo zihari.

Umushikiranganji wa mbere yasavye imfashanyo kugira haboneke izo zisigaye. Abategetsi bagabishije abantu bakoresha incanco zitarekuriwe gukoreshwa, bavuga ko zishobora kuba zidahuye n’ubwoko bwa mugiga bwateye ubu.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu avuga ko abantu 905 aribo bazwi ko bamaze gufatwa mu ntara 8 zigize Niger, ariko benshi bari cane cane i Niamey na Dosso aho iyo ndwara ubu yashinze imizi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.