IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ARCT ishira amakosa ku mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru

ARCT ishira amakosa ku mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru

samedi 20 Nyakanga 2014

Ishirahamwe rya Reta rijejwe gucungera itumatumanako ry’amakuru, ARCT rimenyesha ko kuba amashirahamwe nka Leo na Tempo Africel ariko asubira guhamagara abanywanyi bayo kwiyandikisha, kandi bari babihejeje, vyavuye ku gusamara kw’ayo mashirahamwe, kuko muri ARCT ataco bigeze bongerako muvyo umunywanyi yasabwa.

Haraheze iminsi, mu mihingo myinshi y’igihugu c’Uburundi, ahakorera amashirahamwe nka Leo na Tempo Africel, hibonekeza imirongo y’abanyagihugu benshi baje kwandikisha amakarata simu yabo. Abenshi muri abo banyagihugu bamenyesha ko badatahura ibiriko biraba, kuko bari bamaze kwandikisha amakarata simu yabo, ariko bagasubira kubwirwa ko bogaruka kandi kuyandikisha. Mu gihe abo banyagihugu bamenyesha ko batakaza umwanya munini mu kugaruka gusubira gukora ivyo bari bahejeje, mu buyobozi bw’ubudandaji bw’ishirahamwe Leo batumenyesheje ko ata gishasha kirimwo, kuko bariko bashira mu ngiro ibisabwa n’ikigo ARCT, ko umunywanyi wese atanga umwidondoro ukwiye.

Iyo nsiguro ntihurizwako n’abarongoye ikigo ARCT

Alexis Sinarinzi, umuvugizi w’ikigo ARCT amenyesha ko bitumvikana ingene umunywanyi yari yamaze kwiyandikisha yobwirwa kugaruka, kandi mu kigo ARCT ataco bongeyeko muvyasabwa. Kubw’uwo muvugizi wa ARCT, Alexis Sinarinzi, abasubiriye gusabwa kugaruka kwiyandikisha vyavuye ku gusamara kw’ayo mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru.

N’aho haboneka ukuvuguruzanya hagati y’ikigo ARCT n’ayo mashirahamwe, abanywanyi bidoga ko batakarizwa umwanya basaba ayo mashirahamwe kuvugana n’ikigo ARCT, kugira bongerwe ikiringo co kwandika abanywanyi, hanyuma ayo mashirahamwe nayo arwize abakozi bandika abanywanyi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.