Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ata gakozwe ikiza ca Ebola gishobora kumara umwanya munini
 Ata gakozwe ikiza ca Ebola gishobora kumara umwanya munini
 Ata gakozwe ikiza ca Ebola gishobora kumara umwanya munini
				
				vendredi 15 Myandagaro 2014
Abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu OMS babona ko ikiza ca Ebola kitariko kirahabwa uburemere gifise kandi ibihugu vya Afrika vyaritabarije bimenyesha ko bidashoboye na gato guhagarika ico kiza.
Abo bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu OMS bariko bakorera mu mpande aho ico kiza kimaze gushika babona ko kubera ibitigiri bivugwa mu binyamakuru bitandukanye umenga ni bito, mbere bigasa n’uko ata gaciro kanini bariko baha uwo mugera w’indwara ya Ebola. Muri OMS basohoye itangazo batabaza, bavuga ko uwo mugera wa Ebola umaze gukwiragira muri Afrika y’uburengero, aho hamaze kuboneka abantu 1975 bafashwe n’iyo ndwara hamwe n’abandi 1069 bamaze kwitaba Imana mu bihugu nka Guinée, Libéria, Nigeria hamwe n’igihugu ca Sierra Léone.
Bivanye n’iyo ngorane, ishirahamwe OMS risaba ko amakungu yose yohagurukira ico kibazo, igihugu kimwe kimwe cose ku gatwe kaco. Mbere iryo shirahamwe risaba n’ibigo bijejwe gukurikiranirana hafi ico kiza hamwe n’ibindi bigo bifatanye n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gukora ibishoboka vyose mu guhagarika ico kiza.
Bavuga ko ata gakozwe ico kiza gishobora kumara umwanya utari muto. Ico kiza ca Ebola kimaze guhitana abantu 377 muri Guinée, 355 muri Libéria, 334 Sierra Léone  hamwe na batatu muri Nigeria.
Floxella Karire

Messages
15 Myandagaro 2014, 12:04
Turi mugihe ciherezo Yeasu arihafi kuza twihane tureke ivyaha