IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > FNL: Abayoboke ba Agathon Rwasa mu ntara z’Uburaruko ntiborohewe

FNL: Abayoboke ba Agathon Rwasa mu ntara z’Uburaruko ntiborohewe

mardi 25 Munyonyo 2014

Bamwe mu banywanyi b’umugambwe FNL ishami rya Agathon Rwasa mu ntara za kirundo na Muyinga ntiborohewe, aho uwurongoye uwo mugambwe muri komine ya Gasorwe co kimwe n’uwuwurongoye mu ntara ya Muyinga eka n’i Busoni, bafashwe, barapfungwa.

Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera radiyo Isanganiro muri izo ntara, akavuga ko abanywanyi b’uwo munyeporitike asanzwe atavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bakurikiranirwa hafi, bahirahiriye ngo barashikirije ico biyumvira baca bacakirwa. Ivyo bikaba vyashitse mu gihe uwurongoye umgambwe FNL mu ntara ya Muyinga MINANI Samuel, yafashwe arapfungwa, co kimwe n’uwurongoye uwo mugambwe ishami rya Agathon Rwasa muri komine ya Gasorwe.

Yaba abo banywanyi ba Agathon Rwasa mu ntara ya Muyinga canke abafatiwe i Busoni mu ntara ya Kirundo, bose bagirizwa n’abarongoye izo komine kugumura abanyagihugu ko batokwiyandikisha mu bazitabira amatora yo mu mwaka w’2015. Abanywanyi ba Agathon Rwasa rero bakabona ko ari iterebwoba bariko baragirwako, mu gihe batanguye nabone kwiyandikisha kugira baze bitabire amatora nk’abandi.


Aristide NIZIGIRE

Messages

  • Komera Ndongozi,muzira ukuri Abanamarimwe bose basabwe kwiyandikisha bivuye inyuma,kugira dd tuyisezerere aho bukera.ivyo bijuju vyaba dd nibemere kko haba mu matora,haba ku muheto vyose turiteguye tubasezerere beneburundi biruhutse.Temba uragatemba dd we.Byebye

  • TURINDIRE
    MUWUCANE MUZOWOTA PE KANDI NTIMUKORESHE IVYAKATSI IBIBIRITI BIRIHO
    ICIZA MWIBUKE IJAMBO RYAVUZWE 1992-1993
    MWIBUKE KAZOZA KABANA BANYU
    NAMWE MUFUNZE ABO ARIKO AKARINYUMA KARAHINDA BAREKE BASHIKIRIJE IVYO BABONA BITAMEZE NEZA

  • Erega igihugu cacu kiracari muntamba yo kuvuga nono togira gute ndabasavye abarundi bose bashaka amahoro ntibihende bagatora ubugira gatatu ujo mugambwe uri kubutegetsi muramukiwe mutora izo mbonakure ntumuzofa muvuye mubukene murahagabire abarundi nkanje

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.