IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Bujumbura : Abantu barenga ijana bamaze kwandukirwa na Korera

Bujumbura : Abantu barenga ijana bamaze kwandukirwa na Korera

mercredi 24 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibiharuro vy’abantu babandanya gufatwa n’ikiza ca Korera mu gisagara ca Bujumbura bigeze ku barenga ijana, mu kiringo c’indwi zitatu gusa. Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bumenyesha ko ingingo zikomeye z’ukwubahiriza amabwirizwa y’isuku zigiye gufatwa, n’ubunywero hamwe n’uburiro butagira isuku hamwe n’utuzu twa surwumwe, bukaba bugiye kwugarwa.

Ubuyobozi bw’ibitaro vyo mu Kabezi mu ntara ya Bujumbura buvuga ko bumaze kwakira abagwayi ba Korera barenga ijana , kuva mu mpera z’ukwezi kw’indwi.

Muganga Arcade Hatungimana, ajejwe ubuyobozi bw’akarere k’ubuvuzi ka Kabezi asigura ko isuku rike, ubukene bw’amazi meza, hamwe n’ubukene bw’utuzu twa surwumwe, arivyo bintu nyamukuru vyatumye iyo ngwara yaduka muri ako karere k’ubuvuzi ka Kabezi arongoye.

Ico kiza ca Korera catanguye kwibonekeza muri ako karere kuva kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro.

Ico kiza ca Korera catandukiye amakaritiye yandi ahana urubibe na Komine Kabezi, ayo nayo ni nka Ruziba na Kajiji yo muri zone Kanyosha muri komine Muha yo mu gisagara ca Bujumbura.

Mu ntumbero y’ugufasha abanyagihugu bo muri ayo makaritiye kurwanya ico kiza ca Korera, ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe ryemeye ko rigiye kwugurura ikibanza c’ukwakira abafashwe n’iyo ngwara muri ivyo bice vy’igisagara ca Bujumbura vyatandukiriwe.


IGIHE

Messages

  • Mundebere cyagihugu kirota guhangana n’u Rwanda,hhhaahh murababaje cyane, muhame hamwe iyo leta yanyu izabageza habi

  • Hhhhhhhhhhhhhh korera na macinya muri iki kinyejana.... Mba ndoga rwema aka ni akumiro. Ariko ni mugihe umwanda uranga bujumbura ni danger. Umujyi wumwanda kabisa. Haraho wabonye ihene ziza kurisha kuri tanganyika?

  • @Turaje!urabona igihugu uvugira aho umwanda ubagejeje? ?nizere ko wowe utarafatwa na Choléra na Macinya??mukwiye amasengesho kabisa

  • Nubu muracahona nubwo ndimwo mubabangamiwe, ariko birateye isoni ahigisagara cokumurwa mukuru caduka mwamarwara nkayo!,ndabasabe abo biyita ngonabategetsi bazosabe uruhusha, mubihugu bimwe bimwe nubwo bisigaye bibagora kubahuka gusohoka imbibe zigihugu! bazokwirabire ingene ibindi bihugu bigeze nkuntabwe ikomeye mukurwanya isukunke.Ariko biragoye kuburundi kuzoshobora kurwanya isuku, kuko amahera bokoresheje muvyisuku ahera mumifuko yabo biyita ngo naboguserukira abenigihugu.Nibara kwakirira umurwayi ahantu hameze ukuraho niterasoni, kugihugu cabantu birirwa barira ngo bageze kwiterambere!.Nagomba nkebure benewacu nubwo ubuzima buzivye, muvuye kwituma umwanda mukuru gerageza gukaraba amazi nisabuni, kumwanda mutoya nahonyene koresha isabuni mugukaraba, kwimyira ibiseruru koresha umushwara canke agatambara keza, gufungura ubanje gukaraba nisabuni, nturye ikintu kibisi utabanje kukironga namazi, yamitobe idandarizwa mumasoko kwiyubara kuyinwa kuko nabayitera bategurira ahantu harisuku rike cane, kuko zansazi ziba mumatuwarete usanga zatonze kubwato bariko barahinguriramwo iyomitobe. Amahoteri meshi ngaha mugisagara usanga anuka, inyuma yayo usanga hanuka kubera usanga abantu bituma umwanda mutoya kumisozi, tutibagiye umwanda mukuru. Arigihe nkunze kwibaza nti bega konzi mugisagara hariho abajejwe isuku! none baracahebwa kumengo isuku rike ribandanya kwiyongera? nikibazo nawewokwibaza.

  • Umuntuyokingiragute
    Mugiutarayirwara

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.