IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Bujumbura : Bagira bamwambure zose iyo hadaseruka abantu

Bujumbura : Bagira bamwambure zose iyo hadaseruka abantu

jeudi 28 Munyonyo 2013

Abigeme bambara uduhuzu tugufi ntibikwize maze amaguru yabo akagendera hejuru, agahuzu kayapfutse ari gato ntiborohewe mu gisagara ca Bujumbura, kuko barenganye bakirwa n’akaruru k’abasore, bamwe mu bigeme eka n’abagore.

Ivyo rero bikaba ari bimwe mu vyashikiye umwigeme yari asohotse aho bifotoreza, haruguru y’inyubakwa Galerie du Marche, hafi y’ibanki Ecobank. Uyo mwigeme akaba yari yambaye agakanzu kerekana amaguru yiwe yose, ndetse akuye ukugu hasi, agahuzu ko munsi kakaba kahakwa ku boneka. Mwene abo bigeme, bakaba bikika inyuma y’ubushuhe buri mu gisagara, bagaheza bagaca bambara utwo duhuzu twerekana hafi igice cose c’umubiri.

Uyo mwigeme amaze gusohoka kwifatisha amafoto, yakiriwe n’akaruru k’abantu isinzi, baramubuza kurengana, bagira umuzingi imbere yiwe, bose bamuha akamenyo, baramutwenga, abandi nabo bakaza kumutaburirako ako kamanyu k’ikanzu yari yambaye, gushika n’aho imiduga itashoboye kurengana kuko abantu bari buzuye iruhande y’ibarabara ryitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Abaporisi akaba aribo baje kubanguranya, maze bamucira inzira, abagendesha amataxi nabo, baboneraho kuza kumurwanira kugira bashobore mu kumuhungisha.

Abari baraho, bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE ko ivyo bikwiye kubera akarorero abigeme bava mu mihana i wabo bari gusa ngo baje gusuma. Bavuga ko ivyo bitari biherutse kwibonekeza mw’ibarabara, aho abigeme b’abarundikazi baza bambaye mwene ubwo buhuzu buberekana amaguru yabo yose, iyo ava akagera, ndetse bamwe ugasanga n’amabere ari ku zuba, bakavuga ko ababigira ari abikika umwiza, baje kudandaza imibiri.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.