IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Ikigo c’ukuvura abafise ubumuga butandukanye

Burundi : Ikigo c’ukuvura abafise ubumuga butandukanye

lundi 14 Ndamukiza 2014

Abasanzwe bagendana ubumuga hamwe n’abahuye n’insanganya bikabatuma bamugara, bagiye kuharonkera uturusho ku bw’ikigo c’akarorero cishinze kuvura abangendana ubumugana. Ico kigo citiriwe CNRKR (Centre National de Référence en Kinésithérapie et Réadaptation Médicale) kikaba kiri ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwuguruza ikigo CNRKR, Sabina Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, ari nawe yuguruje ico kigo, yamenyesheje ko kigiye kuzana uburusho butari buke kubazoba baje kucitura. Yahamagariye abagiye gukora muri ico kigo, kurushirizaho kugiteza imbere mu gutanga ubumenyi, mu kuba akarorero mu kuvura abaje kubitura hamwe no mu gushigikira ibindi bigo bisanzwe bikora umurimo wo kuvura abagendana ubumuga.

Muganga Sabina Ntakarutimana umushikiranganji w'amagara y'abantu

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabine Ntakurutimana, yamenyesheje kandi ko ikigo CNRKR kizofasha kuvura abasanzwe bagendana ubumuga bagera ku bihumbi 250, ni ukuvuga ibice bishika 4 kw’ijana vy’abarundi. Hejuru y’ico gitigiri, hakazokwiyongerako n’abandi bamugaye bivuye ku ndwara, abamugaye biturutse ku nsanganya hamwe n’abamugaye bivuye ku busaza bw’imyaka. Umuyobozi w’ikigo cishinze kuvura abagendana ubumuga, muganga Alexis Sinzakaraye yamenyesheje ko muri ico kigo, bafise umuganga umwe yanonosoye ivyo kugorora no gukanda abamugaye, agafashanya imirimo n’abandi bavyigiye (kinesitherapeutes), mu kurindira ko abagiye gukarihiriza ubwenge mu makungu, ku bijanye n’uwo mwuga bagaruka.

Mwomenya ko ico kigo cubatswe ku mafaranga agera ku miriyoni 758 y’amarundi, yatanzwe n’umugambi wa APEPE, ubifashijwemwo n’ishirahamwe ry’ababirigiri mu bijanye n’iterambere iri kumwe na CTB (Cooperation Technique Belge). Mu mwaka w’i 2017, hakaba hategekenijwe no kuzokwubakwa ikigo kaminuza mu bijanye no kuvura abagendana ubumuga (Institut Universitaire en Kinesiterapie et Readaptation).


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.