Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Indwara ya marariya irageramiye abana bari munsi y’imyaka (...)
 Burundi : Indwara ya marariya irageramiye abana bari munsi y’imyaka itanu
 Burundi : Indwara ya marariya irageramiye abana bari munsi y’imyaka itanu
				
				vendredi 25 Ndamukiza 2014
Marariya ni indwara igihitana abantu mu Burundi. Mu matohoza yakozwe, basanze ibice bigera ku 50 kw’ijana vy’abaza kwipimisha ku mavuriro bagatorwa indwara ya marariya, ibice 40,13 kw’ijana ni ivy’abana bari munsi y’imyaka itanu, aho abagera ku bice 48 kw’ijana aribo bicwa nayo.
Nk’uko bishikirizwa n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umwana umwe aricwa n’indwara y’amarariya uko amasegonda 20 ahaciye kw’isi, ni ukuvuga, abana 180 kw’ijana kw’isaha. Ivyo bitigiri bikagereranywa n’indege 12 zoba zitwaye abantu bagera ku 360, hama zikagira isanganya ku munsi ku munsi ntihagire n’umwe arokokamwo.
Abandi babangamirwa n’indwara ya marariya, ni abakenyezi bibungenze, akenshi usanga ariyo ntambanyi nyamukuru ituma bapfa kugeza ku bice 58 kw’ijana.
Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamukungu wahariwe kurwanya indwara ya marariya. Icivugo naco akaba ari : « Investir dans l’avenir : vaincre le paludisme », bisigura mu kirundi, "Mu kwubaka kazoza : turwanya indwara ya marariya."
Kubwa Sabina Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya marariya, ni akaryo ko kwibutsa ko kurwanya marariya biri mu migambi y’ikimpumbi (OMD) ishika kw’iterambere, icivugo catowe mu mwaka w’2013 naco kikazobandanya gushika mu mwaka w’2015.
Umugambi wo gutanga imisegetera irimwo imiti mu kurwanya indwara ya mararira mu Burundi, watumye hagabanywa impfu z’abana bari munsi y’imyaka itanu, zavuye ku bice 36 kw’ijana bija ku bice 21,9 kw’ijana hagati y’umwaka w’2005 n’uw’2012.
Tubamenyeshe ko mu Burundi hamaze gukoreshwa inguvu zitari nke mu kurwanya indwara ya marariya, Uburundi bukaba buri mu bihugu 45 vyo muri Afrika biri ahantu habanganirwa n’indwara ya mararira aho iza ubwa mbere mu kwica abantu.
Mwomenya kandi ko mu Burundi umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara ya marariya uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza.
Mariella Bukuru

Messages
30 Nyakanga 2016, 14:35, par Mariyamungu Sylvere
Abana bafashwe na marariya bovugwa niki k umenga Artezenat Amodiyakine vyararengewe?