Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : OMS ifise umurongozi mushasha
 Burundi : OMS ifise umurongozi mushasha
                 Burundi : OMS ifise umurongozi mushasha
				
				mercredi 13 Munyonyo 2013
Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, ubu riramutswa umuserukizi mushasha mu Burundi, uyo nawe akaba ari muganga Babacar Drame.
Muganga Drame avuka mu gihugu ca Senegal, akaba yarazaniye amakete amugena muri ayo mabanga aumushikiranganji w’ugufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu, Laurent Kavakure kuri uyu wa 12 Munyonyo uyu mwaka. Umuserukizi wa OMS mushasha mu Burundi rero akaba afise uburambe bw’imyaka 33 mu vyo gutunganya igisata c’amagara y’abantu. Uyo mutegetsi rero akaba yaripfurijwe ikaze n’umushikiranganji Kavakure, ndetse anamwipfuriza kuroranirwa mu mabanga yiwe.
Muganga Babacar Drame akaba yariyemeje gukorana neza n’uburongozi bw’igihugu, no gushigikira poritike ya reta yo gushigikira amagara y’abantu. Drame akaba yarasanzwe arongoye OMS mu Burundi ivy’imfatakibanza kuva mu mwaka w’2013.
Aristide Nizigire
