Accueil > Amagara y’abantu > Burundi: Yegereyegere y’abaforoma ntikibaye
 Burundi: Yegereyegere y’abaforoma ntikibaye
 Burundi: Yegereyegere y’abaforoma ntikibaye
				
				samedi 27 Ndamukiza 2013
Nkuko vyari vyamenyeshejwe n’abarongoye ama sendika SYNAPA na SNTS ko kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2013 batogiye ku kazi, vyahindutse nkuko bimenyeshwa n’umukuru wa SYNAPA, Melance Hakizimana.
Muri iy’indwi, ayo ma sendika yari yamenyesheje ko umurwi w’ubuhinga wari washizweho kugira wige imishahara yabo, kutariko ukora neza, arivyo vyari vyatumye abari muri ayo masendika bamenyesha ko kuva kuri uyu wa mbere bagiye gusubira guhagarika akazi.
Umukuru wa sendika SYNAPA yahamagariye abaforoma bose kuja ku mirimo ku munsi wa mbere nk’uko bisanzwe kuko Leta y’Uburundi yabarekuriye bimwe bimwe muvyo basaba. Abandanya avuga ko ibiganiro bizobandanya gushika bashitse k’umuti urama.
Floxella Karire
