IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Canada : Abarundi bari mu myiyerekano basaba ko atamaraso yosubira (...)

Canada : Abarundi bari mu myiyerekano basaba ko atamaraso yosubira guseseka

mercredi 29 Ndamukiza 2015

Urwarka rw’abarundi ruri mu gihugu ca Canada ariko rwavukiye mu Burundi rurasigura neza icatumye rwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Urwo rwaruka ruvuga ko amabi yose yabaye i Burundi bari bato cane. bagira bati:’’ Ntaco twashora gukora, ntanivyo twumva’’. Ubu rero, twaravuze duti :’’ Ntitworeka ikintu cose coza guhungabanya umutekano w’abarundi tubona, atanico tugerageje gukora kugira bihagarare.’’ Abo barundi bavuga ko ataho begamiye muri poritike, nta bwoko twemera ko bubaho ni Burundi kuko abarundi bavuga ururimi rumwe, bakagira n’umuco umwe kandi kuko turabona aho vyagejeje abarundi, cane cane ino muri Canada hari amacakubiri, natwe bikatubabaza tutumva ingene tuzohuza abavukanyi kugira tube umwe vyukuri.

Urwo rwaruka ruvuga ko rwanka kubona abarundi basubira kubona amaraso asesekamu gihugu cabibarutse. Ni kuri iyo mvo muri abo baba muri Canada bavuga ko bagiye mu mabarabara baserura ivyiyunvuro vyabo, abitavye iyo myiyerekano bakuru na bato, bose baje gutera akamo banka ko hasubira kuba abapfa mu Burundi kandi bazira ko badasangiye ivyiyumviro, n’abari ku butegetsi bwa CNDD FDD. Abo barundi, bagasaba ko boreka abari mu myiyerekano, bagashikiriza ivyiyumviro vyabo, nk’uko n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi baretswe, bakigina uko biyumva, mu gushigikira ico kiringo.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.