Accueil > Amagara y’abantu > Catherine Ndamama: " Imiti kama ikenewe mu kuvura indwara zimwe (...)
 Catherine Ndamama: " Imiti kama ikenewe mu kuvura indwara zimwe zimwe"
 Catherine Ndamama: " Imiti kama ikenewe mu kuvura indwara zimwe zimwe"
				
				lundi 9 Nyakanga 2013
Ubuvuzi bw’imiti kama buratanguye gutera imbere mu Burundi. Bamwe mu bayikoresha baramaze kuja hamwe bagashinga amashirahamwe, abandi nabo baracakorera mu kinyegero.
Gatarina Ndamama, numwe mubamaze kuja mumashirahamwe adandaza imiti y’ ikirundi, akaba n’umukuru w’ishirahamwe "La source’’, aho atanga ingaburo z’abana, no ku bakenyezi bibungenze be n’abonsa. Aremeza ko ingaburo atanga kuri iyo mice yabo bantu asanswe ayiha, zigira akamaro kanini iyo bazifashe. Umukuru w’iryo shirahamwe "La source", yamenyesheje ko yise ishiramwe arongoye iryo zina kubera yemeza neza ko n’imiti y’ikizungu ifise ifise inkomoko, canke ikorwa mu miti kama. Ati:" Nkiri muto, naraherekeza mawe mw’ishamba kwaha ivyatsi, dushitse muhira agaca abihingura bikavamwo umuti w’ingaburo".
Amaze kuba nyina w’abana, harageze igihe abana biwe baza baragwaragurika, aca yibuka ko nyina yaza aramutwara kwaha ivyatsi vyo guhinguramwo iimiti yo kubavura, ari naho yaca afata ingingo yo kubikora kugira nawe aze aravura. Ndamama yamenyesheje ko imiti yakora, yayitegura nk’ifu yo kurigata canke umunyota, mu mababi be mu mazi yo kunywa. Iyo miti nayo ikora, akaba ari iy’abana, abakenyezi bibungenze n’abonsa, abantu bageze mu zabukuru n’abakunda kugira ibizunguzungu.
Ati: " Abo bose iyo banyoye imiti ndabahaye, baca bagira akayabagu kurusha ubwa mbere, kubakenyezi bibungenze nta seseme basubira kugira, abana basanzwe bafise ingorane zo gufungura nabi, barunguka ibiro, eka mbere bigafasha na barya bakenyezi badafungura neza inyuma yo kwibaruka.
Yahamagariye abandi bavuza imiti kame bagikorera mu mpisho, kuja mu mashirahamwe kugira barate ibirwa vyabo vyabo bongere bamenyekane kurusha.
Mariella Bukuru

Messages
3 Ruheshi 2015, 19:34, par jean Damascène Nzoyihaya
Ni vyiza ko bokorana abantu bose bazi imiti kame hama bakagira ico batumarira twebwe abarundi ndetse n’abanyamahanga
3 Ruheshi 2015, 19:35, par jean Damascène Nzoyihaya
Ni vyiza ko bokorana abantu bose bazi imiti kame hama bakagira ico batumarira twebwe abarundi ndetse n’abanyamahanga
3 Ruheshi 2015, 19:37, par jean Damascène Nzoyihaya
Ni vyiza ko bokorana abantu bose bazi imiti kame hama bakagira ico batumarira twebwe abarundi ndetse n’abanyamahanga
24 Munyonyo 2016, 03:22, par ISHIMWE Jules Yakora
nivyiza, mubandanye mutumenyesha imiti.mbega,inkorora yo ivurwa niki?murakoze!!!
24 Munyonyo 2016, 03:24, par ISHIMWE Jules Yakora
nivyiza, mubandanye mutumenyesha imiti.mbega,inkorora yo ivurwa niki?murakoze!!!
28 Ntwarante 2018, 07:37, par Niyontoranwa Ildephonse
Ndabaramukije Amahoroyimana None Hepatite B Iravurwa Igakira?
13 Nyakanga 2018, 15:23, par lea tuyisenge
romarin Uvurik?Umeze gt?
5 Gitugutu 2018, 18:22, par emanwel
Turabasavye abatabasha kubasanga aho mukorera, mudushirire kurubuga natwe vyodufasha ino mugihugu hagati