IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Chine: Umugore yakase kabiri kose inzanyi y’umugabo wiwe

Chine: Umugore yakase kabiri kose inzanyi y’umugabo wiwe

vendredi 16 Nzero 2015

Hari ingo zifise urukundo ruteye amakenga, uyu mugore yumvise ko umugabo wiwe yasambanye n’uwundi mugore w’umubanyi wiwe, aca ahengera asinziriye amukata inzanyi incuro zibiri.

Amakuru ava mu kinyamakuru HNR co mu Bushinwa. Hari mu mpera z’umwaka w’i 2014 mu ntara ya Henan yo mu Bushinwa. Umugore wa M. Fan yumvise ko yaryamanye n’uwundi mugore afise imyaka 21 ishavu riraniga. Ni ko guhengera asinziriye agasoboka n’imbugita agakatira hagati inzanyi y’umugabo wiwe. Ababanyi bamutwaye kwa muganga aho bagerageza gusubizako igipande cakaswe.

M. Fan bugingo yariko atora mitende, wa mugore ntiyashizwe kuko yasobotse ari mw’ijoro M. Fan asinziriye asubira kandi akata ca gice basubizako. Kuri iyo ncuro ya kabiri, abaganga bibajije ko umugore wiwe yagiye atwaye igice co hejuru c’inzanyi y’umugabo wiwe kuko bashaka gusubizako ca gice nyene ariko barakibura.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.