Accueil > Imibano > Urukundo > Chris Brown ntakiri kumwe na Rihanna
 Chris Brown ntakiri kumwe na Rihanna
 Chris Brown ntakiri kumwe na Rihanna
				
				mardi 7 Rusama 2013
Mu minsi iheze, abaririmvyi bazwi cane aribo Rihanna na Chris Brown barerekanye ko barikumwe mu migenderanire bari bafitaniye ndetse no mu ngendo basangira. Ariko igihe indwi yariko irarangira, Chris Brown yamenyesheje ku mugaragaro ko atakiri kumwe na Rihanna.
Chris Brown igihe yariko arahimbaza imyaka 24 y’amavuka, Rihanna ntiyigeze ahaboneka, ahubwo hari umwe mu bakobwa bigeze gukundana nawe ariwe KarruecheTran ndetse bari bicaranye. Abandi bitavye urwo rubanza ni abagore benshi bakiri bato.
Chris yamenyesheje ko ariko aranezereza ubuto bwiwe kuko akanya ari aka nyene. Amenyesha ko mu guhimbaza uwo munsi w’amavuka yiwe, birori bizobera ahantu hatatu hatandukanye, i Los Angeles, New York na Las Vegas, ahohose ngo azoba arikumwe n’abakunzi biwe hamwe n’abakobwa benshi bashoboka.
Ku migenderanira ivurwa ko afitaniye na Rihanna, amenyesha ko ubucuti bwabo bwarimwo ibintu vyinshi binyegeje ko atashoboye ku mugira umugenzi wiwe bwite.
Abandanya avuga ko azoguma amukunda, ariko imigenderanire ikomeye ishimikiye mu vy’urukundo vyoshika kure avuga ko atavyo azogira kuko Rihanna ari umukobwa akiri muto nkuko Chris Brown yemeza ko nawe atarakura ngo bagiriranire ikomeye.
Aristide Nizigire


Messages
11 Ruhuhuma 2016, 08:10, par Inn100 Niyokindi
Ko Cris Brown Yarakundanye Na Rihana Igihe Kirekire Kandi Bose Bakaba Bari Bakiribato Ntampamvu Yotuma Batanduka Ahubwo Yarasarishije Atacamuhoye,oya Vraiment Ahubwo Nabasubirane Mubto Bwabo Murakoze