IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Cibitoke : Buramatari yahagurukiye igiturire ciminogoje ku (...)

Cibitoke : Buramatari yahagurukiye igiturire ciminogoje ku mabarabara

jeudi 7 Myandagaro 2014

Igiturire kiri kw’ibarabara rya Bujumbura Cibitoke ni kimwe mu vyo buramatari Anselme Nsabimana arongoye intara ya Cibitoke yabariye abajejwe intwaro n’umutekano muri iyo ntara.

Mu nama y’umutekano Nsabimana yagiranye n’abasirikare n’abaporisi bakuru bakuru bo muri iyo ntara, akaba yabamenyesheje ko kw’ibarabara RN5 hari uburyo abantu barya igiturire. Iryo barabara kenshi ricamwo imiduga, yaba iyimanuka i Bujumbura canke iy’ija mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi nk’igihugu c’Urwanda canke Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abaporisi bakaba batungwa agatoke ubwa mbere kuba bari mu barya ibiturire. Ikindi cagirijwe bamwe mu baporisi bakorera muri iyo ntara, akaba ari urudandazwa rwa Kanyanga, inzoga itemewe n’amategeko mu Burundi, ndetse yabujijwe mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro.

Mwomenya ko muri iyo nama havuzwe n’abacukura ubutare badakurikije amategeko, abo n’abo, akaba ari ababucukura mw’ishamba cimeza rya Kibira ku nkengera z’inzuzi za Nyamagana na Mwuhira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.