IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > CNDD FDD wasohoye itangazo ryiyamiriza imyiyerekano

CNDD FDD wasohoye itangazo ryiyamiriza imyiyerekano

mardi 28 Ndamukiza 2015

Inyuma y’aho abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura batanguriye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, umugambwe CNDD FDD uvuga ko ari urwenge rw’abanyeporitike kugira baje mu ntwaro z’imfatakibanza.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono na Pasikari Nyabenda umukuru w’uyo mugambwe uri ku butegetsi, bagiriza umukuru w’urunani FORSC ko abari mu myiyerekano bose bakorera ku mategeko yiwe, ko azoba uwa mbere mu kwishura ivyokwononekara vyose, imbere y’ubutungane. Umukuru w’umugambwe CNDD FDD akavuga ko abariko bagira imyiyerekano ko basa n’abariye ibiyayura mutwe, umushingamateka Nyabenda agatera akamo abavyeyi hamwe n’abari muri iyo myiyerekano kutaza barumviriza amajambo y’ababahenda. Pasikari Nyabenda akaba rero yateye ako kamo abari mu makomine ya Musaga, Ngagara, Cibitoke na Nyakabiga.

Uyo mugambwe kandi, ukavuga ko wifatikanije umubabaro n’ababuriye ababo muri iyo myiyerekano hamwe n’abakomeretse, bakibifuriza gukira neza. Nayo ingingo zo kureka Petero Nkurunziza akitoza ubugira gatatu abagumyabanga ba CNDD FDD bakabona ko atamategeko barenze, abababajwe n’iyo ngingo bagasabwa ko bokwitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira ibatature.


IGIHE

Messages

  • nivyo abababajwe nico kiringo bamenye abo bokwitura ahandiho abahendwa babandanya guhendwa :c`est l’ignorance

  • wewe nta burenganzira ufise bwo kubabuza. Iyo sentare nayo uninahaza urayitura wewe. Ibizokwononekara uti bizobazwa nde imbere y’ubutungane? Rindira nibwakora uzoheza umenye uwo bazohamagara. Abaraye baricwa n’imbonerakure nabo, wibaza ko ari wewe Pascal Nyabenda bazorengutsa? Ni Reta. Donc vyose bija ku gahanga kayo. Simvuze ubutungane bwo mu Burundi, mvuze uburi international

  • IVYO NIVYO KUKO INYISHU NTRI MWIBARABARA....BIRABABAJE KUBONA ABANA BO MWAYO MA QUARTIER BABURA AYO BACIRA NAYO BAMIRA KUBERA IYO MIGUMUKO.....

  • Ahejeje guhindura imvugo kuko ejo yavugiye kuri RTNB asaba ko abasanzwe barekuriwe kw’itura Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ko bonyaragasa kuyitura kugira iyo sentare itomore neza ko CNDD FDD bihenze n’uko batihenze mu gushira imbere Peter!!!!!!! ehhheee!!! kirazira kwivuguruza!!!!!!

  • Nyabenda. Ntagasoni? Nihehe wasomye ko uwutemeye candidature y,umuntu ashobora kwitura cour constiutionnelle? Ni he? Un pays dirigE par des idiots.

  • Abo bafaransa bariko bemeza nkurunziza kwaja mumatora bidaciye mumategeko bagomba batwibutse ihonyabwoko bafashije mu Rwanda.nyabenda nawe ntakundi yovuga arazi iyo azoja bavuye kubutegetsi kandi azobibazwa izo mbonerakure arikarungika kwica abo basangiye igihugu.

  • Lead, ahubwo niwewe utagira isoni, uyumushingamateka Nyabenda avuzeko bobonkaba CNDDFDD bashizeho Nkurunziza nkumu kandida wumugambwe wabo kukobabona atacomubuza barevye ibwirizwashingiro, abandinabo mugabo bakavugako atemerewe kwitoreza kubumukuru wigihugu ngoyobanyuranije nukwibirizwashingiro rivuga. Ngico icatumye Nyabenda avugako ababonako Nkurunziza kwitozakwiwe kunyuranije nibwirizwashingiro bokwituta ubutungane bubifitiye ubumenyi. Kandindibazamo nawewe ubiziko abadashaka Ko Nkurunziza atokwitoza kwatakindi babivugira atarumubera kobavugako yobanyuranije nibwirizwashingiro. Cawumvarero kwatavuze kobojakumurega kuberayabaye candidature gusa. Ariko rekandakwikwibarize nanje akabazo; None utemera umukandida wewe wokoriki? Woja mwibarabara? Wohunga? Wozoreka kumutora?

  • Dites-moi depuis quand un President du parti presidentiel sortant assure l’interim lorsque le President de la Republique n’est plus en fonction ?

    Ego nimumbarire, ni ryari Umukuru w’umugambwe uri ku ntwaro, afata ikibanza c’Umukuru w’Igihugu atakijejwe amabanga ya Leta/Igihugu ?

  • PETERO NKURUNZIZA NAVEKO KUBUTEGETSI YOBA YOROHEJE INGORANE.

  • REKA BABASHUKE.MBE KO BAGIRA NGO TUJE MU MYIYEREKANO,BAMWE KO DUHEZE DUPFA ABANDI TUBA IBIMUGA.MBEGA AYO MAJWI TWOBAHAYE NTARIKO ARAGABANUKA.AHUBWO BIZOBAZWA N’ATURUNGITSE KUKO BO NTANURWARA BARIBWA MBONA ARI TWE TUHAGORERWA.MBE MBONIMPA ARI WE YARI IMBERE KO BAMUREKUYE MWUMVA BARYA BANDI KO BAKAVUNDIYEMWO.BA MASO BARUNDI TUREKE GUHENDWA.

  • UWUGUTUKA NTAGUTORERE,NTIMUSHIMA.UBWO KO MU MWANKA SIMBONA TWIGA TWESE ATAR CA GIHE C’ABAHIMA HIGA BAMWE.NIMUBE MURAGWA MW’IBARBARA NI UKO MWABAYE BANINI MUFISE IZO GUSANZA MUMABARBARA KKO NOVUGA KO ARI UBUSAZI KUKO NTAKUNTU AMA QUARTIER N’INTARA IMWE CKE 2,UGRA NIZO ZIBONA IBIBI GUSUMBA AHANDI??MBE MWIBAZA KO IGHUGU GIHAGAZ AHO GUSA.TWARABUZE IHERO RY’IMITI PE!!

  • NATANGE IGIHUGU CAMUNANIYE GUTWARA NTAWUSHOBORA GUTWARA ABARUNDI BATAMUKENEYE

  • @nisubire
    Abo banyagihugu batamushaka ni bande?Abo tubona mu mabarabara?Abo ntibobuza ico umuntu akora!Muzoteba mwishura ibibi vyose mwakoreye abahutu,ivyo bihutu navyo bikurikira imana ibiharire ntibizi ico bikora!

  • buri wes namenya yuk ivyis ari bihit umwiryan uzavah duhinduk abavandimwe

  • Pero nkurunziza nibamureke yitoze hama abatamushima bamwankire mukazu kamatora kuja mumyiyerekano ntago ariwo muti.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.