IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ebola : Tanzaniya isaba ibihugu bibanyi gukomeza gucungera imbibe.

Ebola : Tanzaniya isaba ibihugu bibanyi gukomeza gucungera imbibe.

mardi 2 Kigarama 2014

Abategetsi bo mu gisata c’ubuvuzi mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya bahamagarira ibindi bihugu bihurukiye mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko gukomeza gucungera imbibe, ikiza Ebola ntikibinjirane.

Mu gihe ,bariko bugurura ibikorwa vy’inama yama iba buri mwaka y’sihirahamwe rijejwe ivy’ubuvuzi ririmwo ibihugu vyo mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko, Afrika yo Hagati ha Afrika yo mu Bumanuko, yariko ibera mu gihugu ca Tanzaniya , umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu aho muri Tanzaniya Donald Mmbando, amenyesha ko abahinga muri ako karere bakwiye gucungera bidasanzwe ku mbibe kugira ico kiza Ebola ntigikwiragire mu karere.

Abandanya avuga ko nimba atamuntu n’umwe aragaragarako indwara ya Ebola mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko, hari iyindi ndwara yibonekeje ishaka gushusha na Ebola iyo nayo ikaba yitwa Marburg.

Mu kwezi kwa Gitugutu, akarere k’ Afrika y’Ubuseruko kamenyesheje ko kashoboye kwegeranya amafranga agera ku 750.000 y’amadorari yo gukinga Ebola


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.