IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > RDC : Ikiza Ebola casubiriye kwibonekeza

RDC : Ikiza Ebola casubiriye kwibonekeza

lundi 25 Myandagaro 2014

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) yaremeje kuri uwu w’Imana ko umugera wa Ebola wibonekeje mu buraruko bushira uburengero bw’ico gihugu. Ariko uwo mushikiranganji akamenyesha ko ico kiza kidafitaniye isano n’ikimaze iminsi ciha inganda muri Afrika y’uburengero.

Ya ndwara yica abantu 13 itari bwamenyekane kuva igenekerezo rya 11 Myandagaro mu ntara ya Equateur, muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, basanze badakekeranya ari ikiza ca Ebola, nk’uko vyamenyeshejwe na muganga Félix Kabange Numbi, umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, kuri uwu w’Imana wa 24 Myandagaro.

Ikiza ca Ebola kikaba kimaze kwica abarenga 1400 muri aya mezi aheze mu bihugu 3 vy’Afrika y’uburengero, arivyo Liberie, Sierra Leone, na Guinée, hamwe na Nigeria. Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ikaba idasangiye imbibe n’ivyo bihugu.


Nadège Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.