Accueil > Ubuhinga bwa none > Facebook, umuhora urabwa cane mu mwanya w’akazi
 Facebook, umuhora urabwa cane mu mwanya w’akazi
 Facebook, umuhora urabwa cane mu mwanya w’akazi
				
				vendredi 29 Ntwarante 2013
Amatohoza aheruka gukorwa yerekana ko abakozi bamara muri rusangi hafi amasaha arenga abiri ku musi bari ku muhora wa internet. Ico cegeranyo kivuga muri uwo mwanya, iminota mirongo itanu n’itatu benshi baba bariko bakora ivyabo bidasa n’ivy’akazi.
Haba kuraba utuntu mu vyerekeye ivyo umuntu yoteka mw’ijoro canke, kubikisha itike y’indege, kuraba ivyavuye mu rukino canke guhindura ivyiyumviro mu vyerekeye iyo mihora y’ivyerekeye imibano, n’ikintu corosha akazi cane iyo ufise umuhora ngurukana bumenyi ku kazi, ariko n’ubwo buhinga ngurukanabumenyi bushobora gutuma umwimbu utaba mwiza. Nk’uko itohoza rikurikira rivyerekana...
Facebook, umuhora wa 1 urabwa cane mu mwanya w’akazi
Ishirahamwe ry’ubufaransa Olfeo ryarateguye uburyo umuntu ashobora gukuramwo ibintu bimwe bimwe. Hari amashirahamwe ashobora kugura uburyo butuma abakozi bayo badashobora kuraba imihora imwe imwe, nk’akarorero facebook.
Gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi ibiterekeye akazi... vyerekana ko haba kononera ishirahamwe ryawe
Umwanya rero umukozi umwe umwe amara ku buhinga ngurukanabumenyi ungana n’imisi 28.5 ku mwaka aho ni mu mwaka wa 2012 n’ukuvuga ibingana n’indwi 5,7 z’akaruhuko. Umwimbu rero ujanye n’iryo koreshwa ry’ubuhinga ngurukanabumenyi internet woba ungana ibice 13,6 kw’ijana turavye ibiharuro vya olfeo, vyongera bikagereranywa n’amafranga y’amanyaburaya 13150, ikiguzi k’umwaka kw’ishirahamwe uba wakoresheje umwanya wawe gusa.
Nimba uko kuntu twaharuye hari bamwe batangaye, n’ukugumya mu mitwe yacu ko ivyo biharuro biteye ubwoba arivyo olfeo bakorerako, rero n’ukubanza kuvyitondera. Ariko, bose baremeza ko ari ukugabanya gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi (internet) kugira umuntu agumye umwimbu ukwiye. Hasigaye ko mugira ugushaka gusa.
Paterne Nsengiyumva


