Accueil > Amagara y’abantu > FAO : Igisata kiraba ivyo gufungura neza kw’isi gikwiye gusubirwamwo
 FAO : Igisata kiraba ivyo gufungura neza kw’isi gikwiye gusubirwamwo
 FAO : Igisata kiraba ivyo gufungura neza kw’isi gikwiye gusubirwamwo
				
				vendredi 15 Munyonyo 2013
Hihwejwe ingorane zidasanzwe zijanye no gufungura nabi zugarije abarenga igice c’abantu baba kw’isi, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivy’uburimyi n’ubworozi kw’isi FAO riri kumwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitahaho amagara y’abantu kw’isi (OMS) ryarasavye ko hosubira kwigwa uburyo bujanye no gufungura, mu ntumbero yo kwongerereza akanovera ibifungura bifungurwa kw’isi.
Kubw’ayo mashirahamwe mpuzamakungu FAO na OMS, biragaragara vy’ukuri ko ukungene uburyo bwo gufungura kw’isi butunganije, butazana inyishu nziza mu karusho mu gufungura neza.
Jose Graziano Da Silva, umuyobozi mukuru wa FAO kw’isi yose agira ati : « N’ikimenyamenya cerekana ko ukungene uburyo bwo gutanga ibifungurwa kw’isi budatunganije neza, n’igitigiri c’abantu barenga imiriyoni 840 bakibangamiwe na kigoyi muri kino gihe, mu gihe kw’isi harimwa ibifungurwa bishobora kugaburira ababa kw’isi yose n’ubwo ica gatatu cavyo cosesagurwa ». Ivyo yabishikirije mu nama yo gutegura inama mpuzamakungu ya kabiri ku bijanye no gufungura, CIN2 (deuxième Conférence internationale sur la nutrition) yiteguriwe mu mwaka uza.
Intumbero y’iyo nama akaba  ari ukwongereza ubumenyi kubagize inama mpuzamakungu ku bijanye n’igisata c’uburimyi, c’ubutunzi, c’amagara meza, c’ibifungurwa, n’ibindi bijanye no gufungura nabi n’uburyo bifungurwa, na cane cane mu bihugu biri mu nzira y’iterambere.
Josee Graziano Da Silva yongeye avuga ko imfungurwa zose zirimwa ariko zidafungurwa, zoshobora kugaraburira imiriyaridi zibiri ziyongeye z’abantu. Ingorane ihari, n’uko abajejwe gutanga ubutumwa muri kino gihe ku bijanye no gufungura badatanga ubutumwa bugenewe gufungura neza. Amenyesha ko aho ariho bakwiye gushimikira, kugira bagarukire biboneka igisata co gufungura neza.
Namba imiriyoni 842 z’abantu zigeramiwe no gufungura nabi kwa minsi yose, abatari bake bandi basigaye babangamiwe no gufungura ibidakwiye. Abantu bagera ku miriyaridi zibiri ntibaronka ingaburo zikwiye mu bifungurwa, imiriyoni indwi z’abana nibo bapfa ku mwaka ku mwaka imbere y’uko bakwiza imyaka itanu y’amavuko, imiriyoni 162 z’abana bari munsi y’imyaka itanu bakabangamirwa n’ubukehabwenge, mu gihe muri ico gihe hari abandi bagera ku miriyoni 5 000 baba bageramiwe no kuvyibuha birenze urugero.
Kuri ico kibazo co gufungura nabi n’ingaruka yavyo mw’iterambere rirama, umuyobozi mukuru wa FAO yemeje kandi ko amashirahamwe mpuzamakungu nka FAO, FIDA, na PAM agiye guterera agacumu k’ubumwe, kugira ikibazo kijanye n’ibifungurwa hamwe no gufungura nabi gitorerwe inyishu mw’ihangiro yihaye yerekeye iterambere, imbere y’uko umwaka w’2015 ugera.
Mariella Bukuru

Messages
12 Ndamukiza 2016, 16:50, par philbert bigirimana
Gufungura neza
12 Ndamukiza 2016, 16:50, par philbert bigirimana
Gufungura neza