IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > FNL irabeshuza abavuga ko itazokwitaba amatora y’umukuru w’igihugu

FNL irabeshuza abavuga ko itazokwitaba amatora y’umukuru w’igihugu

lundi 28 Mukakaro 2014

Ubicishije kuri komite nshingwabikorwa, mw’itangazo wasohoye, umugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana urabeshuza ivyo bita ibihuha bikwiragizwa bivuga ko uwo mugambwe utazotanga uwuwuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu. Muri uwo mugambwe bamenyesha ko biteguriye kuja mu matora yose ategekanijwe mu mwaka w’2015.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Miburo Emmanuel, umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana, bamenyesha ko uwo mugambwe uzokwitaba amatora yose, wongere utange n’uwuzowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.

JPEG - 21.4 ko
Miburo Emmanuel, umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL

Iryo tangazo ry’umugambwe FNL rirabeshuza abavuga ko uwo mugambwe utazoserukirwa mu matora y’umukuru w’igihugu, ahubwo ugasaba abanywanyi b’uwo mugambwe ko bobandanya imyiteguro yo kwitaba amatora.


Egide Nduwimana

Messages

  • IZO MPIRAHISHI RETA NTAKIGENDA ESE YOBACA AMAHERA MENSHI KUGIRA BIYANDIKISHE KUGIRA TURONKE UBUTUNZI MURABO BAGOMBA KWIYEMERA NGO BAZITOZA
    ENDA PFUMA MUBACA NA $10000 kuwuziyandikisha

  • Tubwire abanywanyi ufise iyo bari!ibizuru!

  • Umupfu ntiyinukira,mbe we MIBURO na Jacques wawe mutwara FNL yahe?CNDD-FDD itabahaye amahera yo kwiyamamaza we na Jacques mwoyakura he?

  • @Ndemanga, ibizuru bigutwayiki? erega iyutanziciyumviro cawe ukacugerekaho ijambo nkiryo rivugango ibizuru harihobeshi mubamwarimuhuje ibi canke biriya nabobagasanga bafise ivyobizuru wavuze bocababona kobafise umugenzi mubi akajambokamwe kabigusa karashobora kuguteranya nabagenzi beshi, kuko abarundi ndabizi kobafise ibizuru abanyarwanda bafise ibizuru, abakongomani bafise ibizuru, abaganda, abazimbabwe, aba south Afrika, Angora, Namibiya Mozambique, Mortaniya, Tchade, Tanzaniya Kenya, Ethiopia, Sudan, South Sudan Gahnna, Botswana, America, Chinese, ubufrasa, butariyano, Mexique, mbese ibihuguvyose vyokwisi bifise abantu bafise ivyobizuru, Nonegamuvukanyi Ndemanga abobantu bose kobafise ivyobizuru wewe ufise ibiki? ibizuru vyawe vyitwangwiki? dufashe utubarire ivyiwawe izinaryavyo uzokubukoze. Ariko urabawantahuyeneza ,kubijanye nivyowavuze ko FNL itagirabanywanyi ngokandi batoronkamahera yokugira bazorungike umukandida wokwitoza mukibanza cumukuru wigihugu nzobigarukako hanyuma.

  • Ewe Miburo!Miburo Miburo Miburo!!!Ngomuzitoza,muzitoza muri coalition nk’imwe ya Mitusela na dd muri 2010!?Iyo ndakuravye untera kukugurira agahinda.Uburozi mwarariyeuwabubahaye ntiyakaravye.Mwobaye abandi mwokwiyumviye na kazoza ntimutwarwe n’udukorotse kuko umusi benetwo bahagaritse kudokorora bizobagora.Rahira ko mutazosaba uwo mwimye?Kimwe gusa,mwamwe mwibuka ko INZARA IHERA ariko IGIHEMU KIDAHERA.Ikindi,indauyibarira ico wayirarijentabwo uyibwira ico wayihaye!

  • Rwose uyumugore yitwa Mama nubwonkunze kwumva abatamwubahira ibitekerezo bye njye ndabikundacyane kubera ko usangamwo amagambo yinkoramutima rwose.

  • Bavukanyi ndabingingire kwandika ivyo mumaze kwiyumvira egome ndaziko mudakoresha amazina yanyu ariko kandi uko biriko kose Ubuntu burihabga.Gahutu Remy niwe yavuze ati:(hakuba IMBGA woba IMVA)iyo wanditse amajambo yo gutyozanya muba mubaye IMBGA.birashoboka hakaba hari amakosa ubagiriza ariko sivyiza gutukana kuko twese dufise ivyo bizuru.niba ufise impanuro yibahe maze nabo bikebuke aho gutukana .

  • IVYGIUHUTU HAGARIKA TURI MU MUTEKANO NI TERAMBERE YEMWE MBEGA AYO MAZURU ARARIBWA ????MUZE TURIME TWORORE DUFISE N AGAHUGU GATO TUGABANYE IMVYARO APANA KUVYARA KU RUGERO ARIKO KUGABANYA IMVYARO..KU MUNTU YIYUMVIRA HARI NABATOVYARA KUKO ATACO BAFISE ..ARIKO KO TUKIRI INYUMA MU VYIYUMVIRO BISHAJE AMADINI AKAVYUNYURA YEWE....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.