IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibikorwa vy’ibitaro vyo mu Kibimba biratuma bihurumbirwa

Ibikorwa vy’ibitaro vyo mu Kibimba biratuma bihurumbirwa

dimanche 2 Kigarama 2012

Abarwayi batari bake bitura ibitaro vya Kibimba,arikohario abo birgora kuriha amafaranga y’imiti

Ibitaro vya Kibimba biri mu ntara ya Mwaro vyakira abarwayi bavuye mu mihingo itandukanye y’igihugu. Abantu benshi baravyirukira,abarwayi baza bavuye mu bice vya kure vy’igihugu nko mu Cankuzo na Makamba. Bamwe baza baje kwibagisha kuko iwabo biba vyagoranye. Ivyo bitaro bikaba bifise ibitanda 198, abarwayi bakaba baronka ivyo baryamako nivyo bifuka bakabiriha amafaranga amajana atatu ku munsi. Abatari bake bakaba bataha banezerejwe nukungene baba bavuwe.

Nkuko Innocent Barakanfitiye yavuye I Murore mu ntara ya Cankuzo azanye umukenyezi wiwe agomba kwibaruka yabimenyesheje, yavuze ko abaganga bose bamubwira ko amahirwe yo gukiza umwana n’umuvyeyi yari make ariko ko ashitse mu Kibimba igikorwa cagenze neza mbere ko umuvyeyi n’umwana bafise amagara meza.

Hagati aho, Emmanuel Ndoriyobija nawe ni umunyagihugu aheraniye ibitaro vya Kibimba amafaranga arenga ibihumbi amajana munani akaba yibaza aho azoyakura. Uwo munyagihugu nyene akaba yamenyesheje ko ari incuro ya kabiri arwariye muri ivyo bitaro mu kiringo c’imyaka ibiri. Uwundi nawe ni umushingantahe Ndoricimpa nawe yaravuwe yarakize,ariko yamenyesheje ko adashobora gutaha kuko atarishura ariko akongera ko kuba atarataha Atari ikosa ry’ibitaro kuko bo batanamurinda canke ngo bamwirukane.

Vincent Mbunuza ava mu ntara ya Muramvya mu Bukeye, ari muri ivyo bitaro haraheze imyaka ibiri, akaba abayeho n’ubwoba bwinshi kubera gutinya amafaranga bashobora kumurihisha. Kubw’abakozi b’ibitaro ngo yaragomvye guhunga kuko abona ko atazohava ashobora kuriha ideni. Nayo kubwa Mbunuza wewe avuga ko naho bomushira mu munyororo atobatako umwikomo narirya ngo ari ibitaro bike vyemera kuvura umuntu mu kiringo kingana gutyo.

Kubwa muganga Elysé Nahimana arongoye ivyo bitaro, avuga ko gutabara ubuzima biza ubwa mbere ibindi bigakurikira. Kubwiwe ibitaro vyubatswe mu karere kabamwo abantu bakenye. Yemeza kandi ko iyo abarwayi batarishe bituma ibikorwa bigorana, kugira rero abo benegihugu bavurwe avuga ko vyoba vyiza bakoresheje twa dukarata tw’abantu batobato two kwivuza bita ‘’Cartes d’Assistance medicale’’ kugirango ibitaro bikore vyunguka.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.