Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu 10 bishobora gutuma umushingantahe wawe agushavurira
 Ibintu 10 bishobora gutuma umushingantahe wawe agushavurira
 Ibintu 10 bishobora gutuma umushingantahe wawe agushavurira
				
				lundi 8 Ndamukiza 2013
Naho twama tubona umenga imigenderanire y’abandi ko ari myiza,siko bimeze Ukutumvikana ku bantu bakundana ni ibishika naho rimwe rimwe usanga ivyo bapfuye bidafise imfatiro,n’ibindi usanga bikomeye.
1.Kwagiriza
Abahinga mu vyerekeye urukundo  barabivuga :kugira ikiganiro kugira wagirize umuntu ntanakimwe ico kiganiro gishikako.Ahubwo vuga  ivyakubabaje ariko utarinze kumwagiriza  kumubwira amajambo yo kumwagiriza yo kumwereka ko ari umunyamakosha  udashaka ko umukunzi wanyu yigwanirira akihagararako.Aho ntakintu kizima kivamwo atari induru no gutukana  gusa.
2.Kumufata nk’umwana
Nta kintu gituma umugabo yumva asuzuguwe nk’iyo umufashe njk’umwana,gerageza kutasuzuma ivyo yahisemwo canke ingingo zimwe zimwe aba yafashe ,nta muntu numwe yipfuza kubona ubuzima bwiwe burongowe n’uwundi muntu.
3.Gushiramwo abandi  bantu mu bintu muba mwapfuye
Aho mwumva ari vyiza kwidoga imbere y’abagenzi canke umuryango wawe  iyo umugabo wawe yakugiriye nk’amakosa .Urazi ko ushobora gutuma atazosubira kukwizigira kuko uja kwandagaza hanze utuntu twanyu twose ndetse n’amabanga .Iyo mukeneye gusohora ivyababaje ,wopfuma urondera umuntu yavyigiye.
4.Kutamuha agaciro
Abagabo kenshi barihagarara   mu kutemera ko boshimwa ,ariko rero ivyo ni vyiza k’ umuntu  uwo ariwe wese kugira yiyumve amerewe neza mu buzima bwiwe.Nimba abagabo batavuga cane ivyo biyumvamwo,harivyo  bakora kugira bakwereke ko bakwitayeho cane.Ni ukumenya  guha agaciro ivyo umugabo yagukoreye  ,ni kugira umwereke ko wabonye ko akwitayeho .
5.kwanka ko murangura amabanga yabubatse kugira umuhane
Naho abagore bakeneye kwumva bameze neza mu buryo bw’ibigumbagumba kugira barangure amabanga mpuzabitsina ,abagabo bo berekana ubwo busabane mu mabanga mpuzabitsina .Gukoresha  igitsina cawe nk’amahera bavunjisha birashobora gutuma vyica ikiganiro,ugasanga uriko uramubabaza ku mutima kandi waruzi ngo vyobafasha kwumviikana.
6.Gerageza ku muhindura  
Umuntu wese arashobora gutera imbere iyo afashijwe n’uwundi ,ahubwo n’ukwita cane kw’ihinduka ryawe kurusha  kwita kw’ihinduka ry’uwo mubana.Kubera iki ushaka cane ko aba ari wewe umuhindura ?
7.Gufata ingingo zikomeye utamugishije inama
Uwo mubana arafise ijambo ryo kuvuga mu gihe mushaka gufata ingingo iraba kazoza ku rugo rwanyu.Kwanka rero kwatanga iciyumviro ciwe bisisgura ko udashaka gusangira ubutegetsi mu mubano wanyu.Ni ubundi buryo bwo guhakana uruhara rw’umufasha wawe  mu rugo.
8.Kumubuza kuba umu papa yipfuza kuba
Mushima ingingo zanyu kurusha izo umufasha wanyu mu vyerekeye indero y’abana,ivyiyumviro vyanyu nivyo mushaka ko bija imbere, iyo ukoze ivyo mubamweretse umufasha ko mutamwizeye kandi ko mutubaha ingingo yafashe.
9.Gupfuha cane
Abagabo ni ibiremwa biraba cane,ivyo bisigura ko bihweza cane ibibakikuje .Ivyo ntibica bivuga ko baca basimbira kuvyo babonye vyose .Iyo rero muciye muvyifatamwo nabi ku rugero rurengeje bica vyerekana ko mutamwizeye cane uwo nawe arashavura agashobora no guca yihagararako akanabatuka .
10.kumutegeka ko agusaba  imbabazi iyo mwashwanye
Kuvuga gusa uti  mbabarira hari igihe usanga idakwiye kandi bitavuye no ku mutima .Harakenerwa rimwe rimwe ko wofata umwanya kugira ivyo mwashwaniye biturure .Mwereke ko wihanganye nimba mushaka ko abona ko atagufyina kurimwo ,ngaho uzogira amahirwe yo gusanga naho mushwana ata bintu birebire biba.
Floxella Karire
