Accueil > Amagara y’abantu > Ibiyayuramutwe bihinguwe biguma bigwirirana
 Ibiyayuramutwe bihinguwe biguma bigwirirana
 Ibiyayuramutwe bihinguwe biguma bigwirirana
				
				jeudi 27 Ruheshi 2013
Icegeranyo gishasha c’igisata ca ONU kiraba ibiyayuramutwe kivuga ko ibiyayuramutwe bishasha bihinguwe ku bundi buhinga, biguma bigwirirana buri gihe. Urwego rwa ONU ku biyayuramutwe n’ubugizi bwa nabi (UNODC) ruvuga ko ibiyayuramutwe bisanzwe nka heroine na cocaine ata cahindutse kuri vyo.
Ariko ibiyayuramutwe bihingurwa biguma bikwira isi biciye ku buhinga ngurukanabumenyi nk’uko ico cegeranyo gishasha kibivuga. Kivuga ko ivyo biyayuramutwe bisa n’ivyemewe n’amategeko bishobora kugira ingaruka harimwo n’urupfu. Iyo miti mishasha (New Psychoactive Substances NPS) ntiyakorewe ibikorwa vyo kuraba ko ata ngaruka zibi ifise ikaba ishobora gutera ibibazo ata wigeze yibaza ku magara y’abantu nk’uko icegeranyo kibivuga. ’’Mu gihe igurishwa icese, harimwo biciye ku buhinga ngurukanabumenyi ishobora kubangama kuruta ibiyayuramutwa bisanzwe bizwi.
Amazina yo mu mabarabara nka spice, meow na bath salts birazimvye bakiri bato , bakibaza ko bagiye mu bintu vyo kwinezereza ata ngaruka nini bifise,’’ nk’uko ico cegeranyo kibivuga. UNODC ivuga ko bene ivyo biyayuramutwe bishasha biguma bishika ku masoko ibihugu bikaba biguma vyita ku rutare mu kubigwanya. Ico cegeranyo kivuga ko ’’mu gihe ukwubahiriza amategeko kutihuta, abagizi ba nabi baciye bihuta kugira bakorere muri urwo rudandazwa rurimwo amafaranga menshi’’. Cafatiye akarorero kuri bene ivyo biyayaramutwe, bikorerwa muri Aziya ariko bikaba bigurishwa kw’isi nzima biciye ku buhingangurukanabumenyi.
Isoko rikomeye cane ni Leta Zunzubumwe za Amerika aho gukoresha bene iyo miti’’ biboneka ko biruta incuro zibiri ingene ikoreshwa ku mugabane wa Buraya. Ubwongereza busa n’uko ari bwo bwa mbere aho UNODC ivuga ko kubongereza 700.000 bari hagati y’imyaka 15 na 24 bamaze gukoresha bene ivyo biyayuramutwa bita ko vyemewe ’’legal highs’’.
Gloria Ndayishimiye
