IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ibombora bombora rirabandanya mu mugambwe CNDD FDD

Ibombora bombora rirabandanya mu mugambwe CNDD FDD

lundi 20 Ndamukiza 2015

Abakozi bagera kuri 17 bo mu nama nshingamateka y’Uburundi nibo birukanywe, inyuma y’aho batereye umukono ku rwandiko rwo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Abo birukanywe, bakaba ariko bari baheruka n’ugusinyura, inyuma yaho bari babitegetwse n’umugambwe CNDD FDD, mu guhabwa iminsi yo kuba bisubiyeko. Abo birukanywe rero, bakaba barimwo bamwe mu bajejwe kumenyesha amakuru, abajejwe ingendo z’umukuru w’inama nshingamateka n’abandi. Abo birukanywe kandi bikavugwa ko itegeko vyavuye kw’itegeko ry’umukuru w’inama nshingamateka.

Ivyo bikaba vyashitse mu gihe no mu rugendo rw’amahoro rwari rwatunganijwe kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 17 Ndamukiza mu ntara 16, i Karuzi umuhanuzi mukuru wa buramatari asanzwe arongoye umugambwe CNDD FDD muri iyo ntara, yaciye atangaza ko, abasitanteri batatu b’amakomine ya Shombo, Nyabikere na Bugenyuzi, bakuwe muri ayo mabanga, kubera bari mubasinye ku rwandiko rwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Abo birukanywe muri ayo mabanga, bakaba baje biyongera ku bandi bagiye barakurwa, kuko bagize ico bashikiriza ku bijanye n’ico kiringo. Ikurwa ry’abashinngamateka canke umukuru w’inama nshingamateka vyavugwa ko bishobora gukorwa kubera badashigikiye ikiringo ca gatatu, bikaba vyo bitakunze, kubera ko igitigiri casabwa kugira abo birukanwe kitabonetse, inyuma y’aho bamwe mu bashingamateka ba CNDD FDD bagaragarije ko badashigikiye ico kiringo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ego barahagaricwe mumabanga, ariko kuberanyene batakuwe mu mugambwe namezimakeya bagiyekubakurikirana imyifatire bazocabahabwa ayandimabanga, erega nabacu sabanyu.

  • Haha hahhhh! Eka bahagaricwe nyene! !!!

  • NONE GA UWEREKANYE AHO AHAGAZE ACA YANGAZWA?

  • BUCA BUCANAYANDI SHAAAA WEWE AZOFUNGIRWA HAMWE NA CHARLES TAYLOR

  • KAGUNUZI,IVYIWE NTIBIKURABA.HANGANA NIBIGUHANZE

  • uwozoyitangura izohera munzu yiwe iherere munzu yiwe!!!Ariko Mana wamye urinda Uburundi ntiwokora igikorwa gikomeye isi yoose tutazokwibagira ijambo uwo murozi wumwicanyi ngo ni Peter yavuze bikazoshikira inzu yiwe nabo ba DD bafatanya ubwicanyi.Mana ndabizi kuri Imana de Justice

  • uwozoyitangura izohera munzu yiwe iherere munzu yiwe!!!Ariko Mana wamye urinda Uburundi ntiwokora igikorwa gikomeye isi yoose tutazokwibagira ijambo uwo murozi wumwicanyi ngo ni Peter yavuze bikazoshikira inzu yiwe nabo ba DD bafatanya ubwicanyi.Mana ndabizi kuri Imana de Justice

  • hakubesha wovuga ukuri ugapfuma uuzira!kandi hakuba Imbwa woba imva.bibwirwa benshi bikumva benevyu!uri nugutwi niyumve hanyuma yiyumvire.

  • @nico
    Mbega iyo mwama musubiramwo iryo jambo ngo izoherere iwe uwuzotangura intambara,ni ukudusamaza kugira ngo ntitumenyeko abatutsi muriko murategura intambara,ama bombes murunda mu mazu,turabizi la preuve mwihereza amabarabara ku busa aho kuja gukora,mukiyamamaza ku minsi y’akazi,mugatabagura igihugu canyu,rero burya ivyo turiye bamwe bamwe si bike kandi ni imana yabishatse,n’ubu iyo ngwano ni mwebwe abatutsi muzoyitanguza kandi muzotangara,izoherera mu nzu i wanyu

  • MBEGA VUGANEZA, ntarwara igufashe? ubwo abatutsi nibo bafise ibirwanisho? Reka gusamaza abarundi turabizi. ibirwanisho ntibiriko bihaba abatutsi , canke abahutu biriko bihabwa imbonerakure arirwo rwaruka ruri mu mugabwa cndd-fdd. Kandi nariko barabibona bari mu bwoko bose. Urambaza aha i BUBANZA ababifise niho ndi ndabizi. Fise umuhungu yama ariko aroza inkoho s’umusoda none yayikuye hehe? None s’imbonerakure. Mbabajwe n’uko bizoduhindukirirako. Ko nabibwiye Commissaire Remejiyo ndibimubaza ntiyabweye ko abizi. Reka kubeshera abantu wiyita ngo uri vuza neza ahubwo uri vuganabi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.