IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Igitigiri c’abahitanwa na Ebola caragabanutse mu karere ka Afrika (...)

Igitigiri c’abahitanwa na Ebola caragabanutse mu karere ka Afrika y’Uburengero

jeudi 30 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS rimenyesha ko ibiharuro vy’abafatwa n’indwara ya Ebola vyaragabanutse ku rugero rushimishije mu gace ko mu karere ka Afrika y’Uburengero kuva umwaka utanguye.

Mu cegerenyo c’ishirahamwe OMS gisohoka ku ndwi,OMS imenyesha ko kuva umwaka utangura,itariki 20 z’ukwezi kw’7 ariho habonetse abantu bane barwaye Ebola mu gihugu ca Gunee na batatu mu gihugu ca Sierra Leone.

Kuwa 29 Mukakaro,Ishirahamwe OMS rimenyesha ariko ko hari umuntu yapfuye ahitanywe n’iyo ndwara mu gihugu ca Sierra Leone bigashobora gutuma abantu bashika amajana atanu baba mubafashwe n’iyo na Ebola kuko yabonanye nabo imbere y’uko yitaba Imana.

Mu gihe mu gihugu ca Liberiya ata muntu yabonetse mu minsi ya vuba afise indwara ya Ebola,Ernest Bai Koroma,umukuru w’igihugu ca Sierra Leone cabayemwo ico kiza yavuze ko biteguye gukora ibishoboka vyose kugira batuze iyo ndwara mu gihugu arongoye.

Kuva Ebola itanguye kwibonekeza mu karere ka Afrika y’Uburengero abantu 11 200 baramaze kwitaba Imana,nkuko ibitigiri bitangwa na OMS bivyerekana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.