IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ihindurwa ry’ikirangaminsi c’amatora ntikibonwa kumwe n’abegwa (...)

Ihindurwa ry’ikirangaminsi c’amatora ntikibonwa kumwe n’abegwa n’amatora

vendredi 22 Rusama 2015

Ingingo yo kwigiza inyuma ikiringo c’amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka ntibonwa kumwe n’aberwa n’ amatora bose.Bamwe barashima,abandi bakanegura.

Mu mugambwe CNDD-FDD,biciye ku muvugizi wawo Daniel Gelase Ndabirabe,barashima ingingo yo kwigiza inyuma ikirangaminsi c’amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka.

Gelase Ndabirabe amenyesha ko iryo yigizwa inyuma rizotuma baronka akaryo ko kwigisha ikarata nshasha y’amatora ,kandi bashobora no gushika aho batari bwashike.
Umugambwe CNDD-FDD usaba kandi abandi banyapolitike bazokwitaba amatora bakaba bataratangura imyiyamamazo gutangura.

Mu runani Amizero y’Abarundi,Rwasa Agathon arurongoye ari nawe azoruserukira mu matora y’umukuru w’igihugu,avuga ko amatora adashoboka kuko ata mahoro ari mu gihugu cose,ivyatumye abarundi barenga ibihumbi 100 bahunga bagata izabo.

Kubwa Agathon Rwasa,kuba amaradiyo yigenga atariko aravuga mu gihugu,mu gihe yahora afasha bisigura ko ata matora aciye mu muco yitezwe mu Burundi.Avuga ko atawoshira inyuma uruhara rw’umutekano mu matora,kuko gushika ubu bigoye kwizera ko igipolisi kizocungera neza amatora.

Umuvugizi w’umurwi CENI Prosper Ntahorwamiye wewe ,amenyesha ko ingingo y’umukur w’igihugu yo kwigiza inyuma amatora bayishima kuko bizobafasha gutegura neza amatora kandi ikaba yaje kuba inyishu ku bibazo vyari vyashikirijwe n’abari mw’ishengero katorika hamwe n’abandi bakurikiranira hafi amatora mu Burundi.

Ishengero Katorika mu Burundi ryari ryamenyesheje ko hamwe ikirangaminsi c’amatora kitigijwe inyuma,bashobora gusaba abantu babo bari mu mirwi ijejwe gutegura amatora ku ma komine no ku ntara kuyivamwo.

Messages

  • ntakintu nakimwe rete yuburundi izoronka ikora NGO ishimishe bamwe bigize intama tuzi neza kwaringwe nimuhagarike iyo migumu mwitegurire amatora nygisivya araba kandi mwibuke ko uturere turimwo imigumuko ariho muzeye amajwi ejo rero mugatsindwa ntimuze muvuge ngo mwibwe kuku abobahaye amajwi baheteye mubuhungiro abandi mwibarsbara muburundi hari iradio zi3 gusa sizo zotuma amatora ataba ikindi mumatora I radio zose zikorera kumurongo umwe ntacitwazo rero ntimukagombe gufata abene gihugu nkibijuju

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.