IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Bujumbura > Ikigo ca IFB cuguruye imiryango inyuma y’ukwezi yugaye

Ikigo ca IFB cuguruye imiryango inyuma y’ukwezi yugaye

mercredi 4 Nyakanga 2013

Ikigo c’Abafaransa co mu Burundi (Institut Français du Burundi) cuguruye imiryango inyuma y’ukwezi yugaye. Uwo mwanya wari uw’ibikorwa vyo gusubira gutunganya inyubakwa n’ibikoresho vy’ico kio. Wari n’umwanya w’akaruhuko ku bakozi bakorera ico kigo. Abantu rero ngo nibitege ibishasha vyinshi nkuko abayobozi bico kigo babimenyesha.

JPEG - 23.8 ko
Raphaël MALARA umuyobozi w’ikigo c’Abafaransa co mu Burundi hamwe n’icababa ciwe Hélène FOULARD

Ibikorwa vy’ikigo c’Abafaransa co mu Burundi kiri i Bujumbura congeye kugurura imiryango kuri uyu wa 4 Nyakanga 2013 inyuma y’ukwezi cugaye. Nkuko vyamenyeshejwe n’abayobozi bico kigo, mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, cari cugaye uko kwezi kugira inyubakwa ico kigo zisubirwemwo hamwe hamwe, habe itunganywa rishasha ndetse abakozi baco baronke akaruhuko. Hatanzwe n’urutonde rw’ibikorwa bitegekanijwe kubera muri ico kigo mu mezi 2 ari mbere. Ivyese, ibiteramo, ukwerekana ubuhinga bwo gukinjika bwo mu Bufaransa hamwe n’utundi tugenegene, ivyo akaba ari ibikuru bikuru bizorangwe muri ico kigo uri aya meza ya Nyakanga na Gitugutu.

JPEG - 355.8 ko
Hélène FOULARD, icegera c’umuyobozi w’ikigo c’Abafaransa co mu Burundi

Raphaël MALARA umuyobozi w’ikigo c’Abafaransa co mu Burundi hamwe n’icababa ciwe Hélène FOULARD bamenyesheje ko irwo rutonde rwatowe uko kugira abantu benshi biyumve bisanze muri ico kigo. Bamenyesheje kandi ko n’itunganywa rishasha ry’ico kigo rigiye gutumahaba akarusho ku bagendera ico kigo haba mu gusoma ibitabu, kuharabira canke kuhakorera ibiteramo bimeze neza. Ku mpugenge zijanye n’ukugabanuka kwabagendera ico kigo, abo arongozi baka bahumuruije bavuga ko itunganywa rishasha ryatewe n’ukuba ico kigo ubu gikoresha uburyo burondewe n’ico kigonyenero bushika kuri 30 kw’100. Ariko bakavugako abantu bazobimenyera naho benshi bari bamenyereye itunganywa ry’ikigo ndagakaranga c’Abafaransa (CCF) ca hahoze.

Mwomenya ko ico kigo c’Abafaransa co mu Burundi kigizwe ahanini n’ikibanza co gusomeramwo ibitabo. Gifise ibitabo vyo gusoma bigera ku 30 000. Bikaba ari ivyubwoko butandukanye, bivuga ibintu bitandukanye. Ico kigo gifise n’aho abantu bagera ku 260 bashobora gukurikiranira ibiteramo, ivyese canke amareresi. Ico kigo kiri mu gisagara ca Bujumbura kiranatanga inyigisho z’indimi z’ikurundi, igiswahiri hamwe n’igifaransa.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.