IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Bujumbura > Urukurikirane n’ibiteramo bishasha vya Gaël FAYE i Bujumbura

Urukurikirane n’ibiteramo bishasha vya Gaël FAYE i Bujumbura

mardi 11 Ruheshi 2013

«Pili pili sur un croissant de beurre » niryo zina Gaël FAYE yahaye urukurikirane rwiwe rushasha. Akaba agiye kugira ibiteramo bibiri i Bujumbura. Akazoba aherekejwe n’umurwi wiwe Milk Coffee & Sugar.

JPEG - 39.6 ko
mu kiganiro n’abamenyeshamakuru

Kuri uyu wa kabiri, umuririmvyi Gaël FAYE yaremesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yararamutse ashira ku mugaragaro urukirane rwiwe rushasha mu Burundi. Urwo rukirikirane rukaba rugizwe n’indirimbo 15. Inyuma y’ibiteramo bibiri yagize ku ndwi iheze mu gihugu c’Urwanda, iyi ndwi akaba yashitse i Bujumbura kuremesha ibindi bibiri. Ica mbere kikaba kizoba ku munsi wa gatandatu kuri Centre Jeune Kamenge isaha icenda. Ica kabiri kikaba kizoba ku munsi w’Imana kuri Buja Arts isaha icenda. Aho hose akaba hazovuzwa umuziki n’ibicurarangisho ico bita « live ». Nkuko akorana n’inzu ikomeye muvyo mu muziki niko no muri ibi biteramo hazoba hariko havuza abacuraranzi bakomeye bavugiriza n’abaririmvyi bakomeye nku Cornielle Nyungura.

JPEG - 138.9 ko
ishusho ry’igifuniko c’urukurikirane rwiwe rushasha

Iryo zina yise urwo rukurikirane rwiwe bwite rwa mbere akaba avugako yaritoye kubera indirimbo zihurikiyemwo ari izivuga ahanini ubuzima bwiwe. Kandi iryo zina « Pili pili sur un croissant de beurre » ni izina ry’icese ca mbere yakinyemwo i Bujumbura mu murwi Pili pili. Ico cese canditswe na se wiwe Patrice FAYE. Avugako ari urukurikirane yatuye umuryango wiwe n’abamwegereye bose. « Nsinama vyuka nabiwe », Gaël FAYE niko yashuye, aho yabazwa igituma amajambo ari muri izo ndirimbo 15 zitari izisatira ibibi biba hirya nino kw’isi. Uwo muririmvyi ageze ku rwego mpuzamakungu ntahisha igisharara n’urukundo afitiye Uburundi, ati : « Uburundi ni igihugu canje nkunda cane kuko navukiye aha (mu Burundi) nkurira aha». Ni naco gituma ngo yakoreye indirimbo zibiri mu Burundi azikorera n’amasanamu mu Burundi. Muri izi akerekana n’amasanamu y’Uburundi mu ntumbero yuko amahanga abona ishusho rindi ryiza cane ry’Uburundi.

JPEG - 9.4 ko
Gaël FAYE

Gaël FAYE akaba yavutse mu mwaka w’1982 mu Burundi. Se akaba ari umufaransa, nyina nawe akaba umunyarwanda. Yakuriye mu Burundi gushika itariki ya 01 Ndamukiza 1996, aho yahungira mu Bufaransa kubera indwano yarihaye irakomera mu Burundi. Ni naho havuka ugushaka kuvuga ivyiwe no gutanga inkebuzo akoresheje amajambo. Mu 2006, yagiye i Londres ku bw’amashuri y’ubudandaji yariko arakurikirana. Ayarangike yakoze imyaka 2 gusa aca arabiheba yihebera umuziki. Akaba aririmba mu mudiho wa slam, rap na Hip Hop. Uyo muririmvi akaba atandukanye n’abandi baririmvyi bamenyerewe kuba bambaye imigufu minini minini, inkofero, ibirato bitandukanye n’abandi. Akaba abiha insiguro yuko umwe wese afise uko yifata.


Luc-Noel INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.