Accueil > Amagara y’abantu > Impanuro umuntu yokoresha mukwirinda indwara ya « Grippe »
 Impanuro umuntu yokoresha mukwirinda indwara ya « Grippe »
 Impanuro umuntu yokoresha mukwirinda indwara ya « Grippe »
				
				samedi 27 Kigarama 2014
Indwara y’ibicurane izwi kw’izina rya « Grippe », n’indwara iterwa n’umugera witwa “Influenza virus”. N’indwara ibabaza kandi isinzikaza ningoga umubiri mu gihe itavuwe kare.
Mu bushakashatsi bwakozwe ku ndwara ya grippe, mu migera ishika 200 itera iyo ndwara, hariho iyituma umuntu yumva afise ubukanye bwinshi nkaho umunga yoba arwaye indwara ya marariya.
Abantu babangamirwa n’iyo ndwara kurusha abandi, n’abafise imyaka iri hejuru ya 65, abagendana umugera wa SIDA, abafise indwara y’igisukari, abana bari munsi y’imyaka ibiri, abafise ubuvyibuhe burengeje, abama kenshi hafi y’ingurube, n’abagore bibungenze kuko bishobora no gutuma umwana avukana ubumuga (Malformation foetale).
Kugira umuntu amenye ko yoba yanduye indwara ya grippe, hari ibimenyetso ashobora kubibonerako. Aho twovuga nko kugira ubushuhe buri hejuru ya 39 (39°C), iyo umuriro afise ugabanutse naho akabira ivyuya vyinshi, kumeneka umutwe birengeje, kugira ububabare mw’ihwaniro ry’amagufa (articulations), kugira uburuhe burengeje, gukorora cane, kugira ububabare mu muhogo, kwimyira kenshi, kugira iseseme, kuyorwa na cane cane ku bana bato, kubura akayabagu, n’ibindi.
Abaganga banonosoye indwara ya grippe, bavuga ko ari indwara ishobora gukwega n’izindi ndwara nka hasima, mu gihe itavuwe kare. N’indwara yandukira hagati y’iminsi 4 gushika kuri 5, ikandukira cane cane biciye mu mate y’umuntu.
Kubera ko abantu bose badafise imibiri imwe, hari abayimarana iminsi nka 10, n’abandi bashobora kuyimarana indwi 2 zirenga.
Bimwe muvyokorwa kugira umuntu ayirinde, nukwama yitwararika kunywa ibintu bishushe, kwoga rimwe rimwe amazi ashushe, gukaraba iminsi mu ntoke, kugirira isuku ikintu cose umuntu agire akoreshe, kumesura kenshi amashuka umuntu ararako, gufatisha umunwa agatambara kamneshe igihe cose agire yasamure canke agire akorore, kwambara imbuzu zipfuka umubiri no kuruhuka.
Mu gihe yoba yamaze kuyandura, bihanuwe kuguma mu nzu, kunywa amazi y’indimu, kunywa icayi, kunywa mazi menshi no gufata imiti iyivura.
Bukuru Mariella

Messages
28 Kigarama 2014, 07:23, par Barumwete
Murakoze cane kumpanuro muduhaye z’ukwikingira grippe
30 Kigarama 2014, 08:10, par Souleymane NDIKUMANA
Nukuri turabashimiye cane kumpanuro muduhaye y’ukwikingira "Grippe" n’ukugene uwuyirwaye yokwigenza kuko mfise umugenzi ayirwaye.
30 Ntwarante 2015, 12:19, par gloire
murakoze !
ariko kandi nukumenya neza ugituma kumisi wa 3 cank wa 4 ibiseru bisigara binuka gushika naho uwubirwy ariyumva ko binuka.,nirya mbere nrwaye grippe imeze uko.ico Nico cantey ubwoba:sa mauvaise odeur. sinzi kwabandi bavyumvise bien sûr abamaze kuyirwara
7 Kigarama 2016, 21:32, par Jérémie
Nukuri Muragize Neza Ntubipfurije Amagara Meza Mushishikare Kutwigisha Nibindi.