IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Imwe mu migambwe n’amashirahamwe batumyeko imyiyerekano

Imwe mu migambwe n’amashirahamwe batumyeko imyiyerekano

dimanche 26 Ndamukiza 2015

Amashirahamwe yatanguje urugamba rwo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, n’imigamambwe bahamagariye abarundi bose mu myiyerekano.

Muri iyo myiyerekano yatumweko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 26 Ndamukiza, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, imigambwe itandukanye itavuga rumwe na CNDD FDD hamwe n’Abagumyabanga b’uwo mugambwe baterekwa ikiringo kigira gatatu ca Petero Nkurunziza, bavuga ko atagisivya baja kwihereza amabarabara.

Nk’uko bivugwa na Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC, asaba abarundi bose ko bohurira ku mirwa mikuru y’amakomine ya kera mu gisagara ca Bujumbura, kugira bace bahurira ku kibanza citiriwe ukwikukira. Mu ntara hagati, abanyagihugu bagasabwa guhurira ku mirwa mikuru y’amakomine. Vital Nshimirimana asaba abanyagihugu ko batoshamirana n’igiporisi, nibasanga babujijwe kujabuka ibiraro, ko boca bagirira imyiyerekano aho nyene. Amenyesha ko iyo myiyerekano ari iyo kwerekana aho bahagaze, ko atari imigumuko, nk’uko bamwe bakunze kuyita.

Nayo mu migambwe iri muri urwo rugamba rwo kwanka ico kiringo, Muganga Yohani Minani arongoye FRODEBU Nyakuri, amenyesha ko basuzuguwe n’umugambwe CNDD FDD co kimwe na Petero Nkurunziza, mu guhonyanga amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa nshingiro. Amenyesha ko bagira imyiyerekano, gushika ahevye ico kiringo agomba kwiha ku nguvu. Mu runani ADC Ikibiri ho, bakaba bamaze kumenyesha ko batageza kuzohiganwa n’umuntu azoba arenze amategeko. Mu Bagumyabanga ba CNDD FDD banse ikiringo ca gatatu, basavye abanyagihugu bose, kudasigara inyuma, mu kwiyamiriza ico kiringo, nk’uko vyavuzwe n’umushingamateka Oscar Ndayiziga yatowe mu ntara ya Muramvya, mu mugambwe CNDD FDD.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.