Accueil > Amagara y’abantu > Indwara zirenga 200 ziterwa no kunywa inzoga
 Indwara zirenga 200 ziterwa no kunywa inzoga
 Indwara zirenga 200 ziterwa no kunywa inzoga
				
				mercredi 14 Rusama 2014
Mu matohoza aheruka gukorwa n’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu OMS, basanze inzoga zitera indwara zirenga ku majana abiri, zigahitaha abantu barenga imiriyoni zitatu ku mwaka.
Ishirahamwe OMS rigereranya kunywa inzoga, n’ikiza gihitana abatari bake kw’isi, nk’inkiza ruhonyanganda SIDA hamwe n’igituntu. Umuntu umwe kuri batanu kw’isi akaba ariwe apfa bivuye ku mabi y’inzoga.
Naho inzoga zigisivya mu gutikiza inganda kw’isi, ishirahamwe OMS rivuga ko bashobora kurwanya amabi aterwa n’inzoga ashobora guhitana abantu barenga imiriyoni 37. Zimwe mu ndwara amajana abiri ziterwa n’inzoga zimaze kumenyekana akaba ari, indwara z’imigera (infectieuse), insanganya mw’ibarabara, ibikomere, ukwiyahura, indwara z’umutima, indwara y’igisukari, indwara ya siroze, igitigu, guta ubwenge, n’izindi.
Muganga Shekhar Saxena, umuyobozi w’igisata c’indwara zo mu mutwe mw’ishirahamwe OMS, amenyesha ko ku masegonda cumi, haza harapfa umuntu ahitanywe n’inzoga. Ku mwaka naho, ku nsanganya ziba biturutse ku kunywa inzoga, abantu bashika ku bice birenga 5 kw’ijana, nibo bitaba Imana. Aho hakavugwa urwaruka rugera ku bihumbi 320 ruri hagati y’imyaka 15 na 29 y’amavuka.
Abageramiwe kurusha abandi, akaba ari urwaruka ruturuka mu bihugu vya buraya, aho urufise imyaka 15 rushobora kunywa amaritiro arenga 6 ku mwaka. Naho biri uko, muri rusangi kw’isi yose, abantu bagera ku bice 48 kw’ijana ntibarigera banywa inzoga na cane cane abakanyezi.
Mariella Bukuru
