IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwi mpuzamakungu yahariwe urucanco

Indwi mpuzamakungu yahariwe urucanco

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Kwiteza incanco, bimwe mu bituma umuntu atarwaragurika canke atanduza abandi indwara aba afise. Ikindi naco, incanco zituma umuntu yikingira burundu indwara zishobora guterwa no kudacandarwa, nk’ubukangwe n’izindi.

Uko umwaka utashe, kw’isi yose bama bahimbaza indwi yahariwe urucanco, muri uno mwaka w’i 2014, iyo ndwi ikaba igiye guhimbazwa kuva kuri uno munsi wa kane, igenekerezo rya 24 Ndamukiza gushika irya 30 Ndamukiza. Ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS ari naryo ryatunganije ibikorwa vy’iyi ndwi, rimenyesha ko ku mwaka ku mwaka, urucanco rukiza abantu kw’isi bari hagati y’imiriyoni zibiri na zitatu. Kuva mu mwaka w’i 2000 gushika mu mwaka w’i 2012, rukaba rwakijije abantu bari kwicwa n’indwara y’agasama, bagera ku bice 78 kw’ijana.

Intumbero y’iyo ndwi mpuzamakungu yahariwe urucanco akaba ari uguhimiriza no kwigisha abanyagihugu muri rusangi, ku bijanye n’incanco hamwe hamwe n’ihangiro yazo. Ku bw’ibwishirahamwe mpuzamakungu OMS, ukutamenya ku bijanye n’incanco hamwe n’akamaro zifise, vyoba biri mu bituma abantu baticandagisha hamwe no kudacandagisha abana babo.

Ishirahamwe OMS rihamagarira abantu kwijukira kwicandagisha kuko iyo umuntu yicandagishije, bimurinda indwara zitari nke na cane cane ku bana bari munsi y’imyaka itanu mu kubarinda nk’indwara za tetanos, agasama, ugucibwamwo, ubukangwe n’izindi. Mu buhinga bushasha buheruka kwerekanwa ku bijanye n’incanco, harerekanywe incandago nshasha zagenewe imiyabaga n’abakuze zibarindwa nk’indwara z’ibicurane, indwara ya mugiga, ama kanseri yo mu bwinjiriro bw’igitereko hamwe n’iyo mu mahaha.

Naho uburyo bwo kwiteza incanco buriko buratera imbere kw’isi yose, ishirahamwe OMS rimenyesha ko hakiri ahantu zitarijukirwa nko mu gihugu ca Nigeriya, Indoneziya n’Ubuhindi aho abana bagera ku bice 20 kw’ijana bataronswa gushika n’ubu incanco.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.