IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ingwara ya Korera yasubiye kwiha inkumbi mu gisagara ca Bujumbura

Ingwara ya Korera yasubiye kwiha inkumbi mu gisagara ca Bujumbura

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Ingwara ya Korera ni ingwara yica ni ngoga ariko igakira ningoga ivuwe kare.Iyo ngwara ahanini iterwa n’umwanda mwinshi be n’isuku rike muvyo umuntu afungura.M’ubushakashatsi bwakozwe, kw’isi yose,ku mwaka ku mwaka,hagati y’abantu bagera ku miriyoni 3 na 5 n’ibo bafatwa n’iyo ngwara.Aho mbere ico kiza ca korera gihitana abantu bari hagati yi 100 000 ni 120 000.Bikavugwa yuko iyo ngwara yatanguye kwibonekeza kw’isi, mu kinjana ca 19 mu Buhindi ari naho yaciye ikwiragira kw’isi yose kuva ico gihe.

Hano mu gihugu c’u Burundi iyo ngwara ya Korera ikaba naho nyene imaze kugaragara ko iri mubisinzikariza ubuzima bw’umuntu. Ikaba yatanguye kwigaragaza mu kwezi kwa Gitugutu 2012. Muri kino gihe,bikaba vyagaragaye ko yasubiye kwibonekeza ngaha mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 83.1 ko

Twagendeye ibitaro vyitiriwe umuganwa Karori Legent, aho hamaze kuboneka igitigiri kitari gike cabamaze kuza kwivuza iyo ngwara.Twabajije muganga Chloe Ndayikunda, umuyobozi ajejwe ivy’ubuvuzi kuri ivyo bitaro ibijanye n’ico kiza,yatumenyesheje yuko abaza kwivuza iyo ngwara ya korera baba bavuye mu mihingo itandukanye ya kino gisagara ca Bujumbura.

Nayo kubibaza ko iyo ngwara ifata gusa ababa mu ma komine abayabaye,Chloe Ndayikunda yatumenyesheje yuko abamaze kuza kwivuza iyo ngwara baza bavuye muma karitiye atandukanye ya kino gisagara ca Bujumbura nka Ngagara,Kamenge,Musaga,Kanyosha,Q.Asiatique,Kinama,Buyenz, Bwiza,Kinanira n’ahandi kiretse mu karitiye Rohero na Mutanga hataraboneka abafashwe n’iyo ngwara baje kwivuza kwa muganga. Iyo ngwara ikaba ifata bose,abato,abakuze,abagabo n’abagore.

Kuri ivyo bitaro vyitiriwe umuganwa Korori Legent,hamaze kuza kuhivuriza abantu barenga 15,mbere ico gitigiri kiriyongera uko amasaha agenda aregera imbere.Abagwayi b’iyo ngwara bakaba bashizwe mu nyubakwa imwe aho babavurira iwabo kugira ntibanduze abandi.Iyo babonye uwutoye mitende,baca bamurungika kugira haboneke ikibanza c’abandi bazanye.Iyo bishitse naho bakarengerwa n’igitigiri c’abaje kuyivurizaho,baca babarungika kw’ivuriro ryo ku Musaga ahasanzwe naho nyene hakirwa abafashwe ni iyo ngwara.

Kubibaza ko iyo ngwara itegwa n’amazi mabi,ubushikiranganji bujejwe ivy’amagara y’abantu,bwarabajije umuyobozi mukuru mw’ishirahamwe Regidezo,ababwira ko bapimye amazi yo muri kino gisagara,basanga ko ahanini atari amazi yatumye ico kiza cibonekeza kuko bayapimye basanga yo ari meza.

Aha rero umuntu yoca yibaza igituma iyo ngwara iguma yiha inkumbi ngaha mu gisagara ca Bujumbura.Kubw’umuyobozi ajejwe ubuvuzi kuri ivyo bitaro,ngo nyabuna abantu bokwihutira kugira isuku aho babaye,bakagira isuku mu vyo bapfungura na cane cane bakirinda gufungura badakaravye n’isabuni kugira umwanda uveho wose.

Ikindi naco,nuko boza barakaraba mu ntoke mu gihe baramukije abantu na cane cane ko atawuba azi ivyo abo bantu baba bakoze, bakirinda no kwicara aho uwo mugwayi yari yicaye kugira imigera ntibandukire.

Ubushikiranganji bujejewe amagara y’abantu burahimiriza umuntu wese kwitaho amagara yiwe mu buryo bwose bushoboka kugira tugwanye ico kiza.Bukaba bwaranahimirije abaganga gufasha kuri ivyo bitaro kugira bagabanye igitigiri c’abafatwa n’iyo ngwara ya Korera,aho mbere bigaragara ko imaze guhitana umuntu umwe kuri ivyo bitaro nyene.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.