IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Ingoma z’Uburundi > Ishirahamwe DETA risaba ko imigigwa n’imigenzo y’Ingoma yogarukirwa

Ishirahamwe DETA risaba ko imigigwa n’imigenzo y’Ingoma yogarukirwa

mardi 16 Kigarama 2014

Inyuma y’imyaka 61 abatimbo b’Uburundi badahuzwa n’ingoma, haratangujwe umunsi mukuru w’ingoma uzokwama uba buri mwaka. Mu kigabiro c’Umwami wa mbere Ntare Rushatsi abatimbo babitse ibanga ry’ingoma barahuye n’abo mu gisagara ca Bujumbura, intumbero y’umunsi kwari guhanahana ivyuyumviro ku cokorwa kugira ingoma yiyambike umutama yamanye.

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 13 Kigarama mu kibanza c’ingezi kiri mu kigabiro c’umwami Ntare Rushatsi kiri ku musozi Higiro i Gitega, ishirahamwe "DETA Ingoma Iranishe" ryaratangujwe ibirori vy’agakura vyo gutanguza umunsi mukuru w’ingoma. Abatimbo basigaranye iragi ry’ingoma barimwo abatama barenza imyaka mirongo 60 nka Antime afise imyaka 80, bo ku musozi wa Higiro na bo mu kigabiro co mu Gishora bakiriye bagenzi babo bo mu gisagara ca Bujumbura.

Umukuru w’ikigabiro c’i Higiro NDIMWIZINGA Yerermiya avuga ko ikibanza ciswe Higiro kubera umwami Ntare Rushatsi yahigiye na Ntirirangwa hanyuma Ntare Rushatsi akamutsinda ariko gushinga ikigabiro ciwe. Ntirirangwa aca aja hakurya ya Higiro ku mutumba Jugwe. Uwo mutama w’inararibonye yavuze ko umurisho w’ingoma bawusigiwe n’aba se wabo bahoze ari abatimbo b’i bwami, ari naco gituma bawufata nk’indahiro. Umutama Antime, umutimbo wo mu Gishora ahanura urwaruka ruvuza ingoma ko bomenya n’imigirwa yazo, bakamenya n’amajambo akoresha n’abatimbo kuko ingoma zifise imigirwa yazo. Antime yaranakebuye abatimbo bari bazi ko ingoma mu gutonda imbere haja Amashako, ibishikizo hamwe n’inkiranya.

Inyuma y’umurisho w’urutavanako n’umunezero ntangere hamwe n’amajambo y’intahe y’ingoma, aho ingoma zabisikanya zimwe zisohoka izindi zinjira, Yeremiya Hatangimana umutimbo akaba arongoye DETA, n’umunezero ntangere kandi n’intsinzi aho Uburundi busubiye kuronswa iteka ry’ukuvugirizwa Ingoma. Yagiriyeko asaba uwaserukiye ubushikiranganji ko umunsi mukuru w’ingoma n’abatimbo woshigwa mu minsi mikuru y’igihugu. Eka nawe asaba ko ikigabiro ca Higiro cokwubakwa neza kikaba ic’akarorero, hamwe no kwegeranya imigirwa n’imigenzo y’ingoma kugira zisubizwe iteka.

JPEG - 41.3 ko
Jeremie HATANGIMANA arongoye ishirahamwe DETA Ingoma Iranishe

Nk’umwitwarariko w’abatimbo b’i Higiro, basaba ko ikigabiro c’umwami cofata nk’ikibanza c’abakerarugendo n’ibarabara rigasubirwamwo. Sindayigaya Sylvestre arongoye intara ya Gitega yemeye ko bazofashanya n’abo batimbo gukora iryo barabara.

Uwaserukiye ubushikiranganji bw’urwaruka amenyesha ko ubushikiranganji bugiye kugira urutonde rw’imirwi yose y’abatimbo hama bige hamwe ukuntu ingoma zohora zivuzwa, n’iminsi mikuru zovuzamwo.

JPEG - 37.9 ko
Uwaserukiye Ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama

Mwomenya ko ikigabiro c’i Higiro kiri hagati y’imitumba gikikujwe n’imitumba ya Jugwe, Cene, Mugutu na Mirama. Iyugururwa ry’uwo munsi mukuru w’akataraboneka wafashwe mu mugongo na Wallonie Bruxelles International hamwe n’Ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama.

JPEG - 37.4 ko
Buramatari na Jeremie arongoye DETA bariko bavuza ingoma
Sindayigaya Sylvestre, Buramatari w'i Gitega

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.