IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Ingoma z’Uburundi > Uburundi bugiye guhimbaza ku ncuro ya mbere indwi yahariwe umurisho (...)

Uburundi bugiye guhimbaza ku ncuro ya mbere indwi yahariwe umurisho w’ingoma

mardi 20 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka kwemeza kw’igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017 itegeko rishiraho indwi yahariwe umurisho w’ingoma. Nk’uko biri mw’iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu, uwo musi uzohora uhimbazwa kuwa 26 Munyonyo mu gihugu cose.

Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asigura ko ihimbazwa ry’iyo ndwi yahariwe umurisho w’ingoma ari mu ntumbero y’uguha agaciro ingoma z’Uburundi, hamwe n’ugutsimbataza amahoro mu Burundi.

Itegeko rishiraho ihimbazwa ry’iyo ndwi rivuga ko umurwi utegura uwo munsi mukuru uzohora ushirwaho n’itegeko nshikiranganji uko umwaka utashe.

Ingoma z’Uburundi zemerewe kuja ku rutonde nserukirakaranga mpuzamakungu rw’iragi kama muri Munyonyo 2014, bigasigura ko ata kindi gihugu kirekuriwe kwitirirwa akaranga k’umurisho w’ingoma atari Uburundi.

Inyuma y’ishirwa ry’ingoma z’Uburundi ku rutonde nserukirakaranga mpuzamakungu mu 2014, ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama bwamenyesheje ko butegekanya gushigikira umuco w’ingoma mu gushiraho umunsi wahariwe ingoma, gushiraho ikigo kizigisha, kwitaba isabukuru mpuzamakungu ry’ingoma riba rimwe mu myaka 2, kugarukira no gukingira igiti c’Umuvugangoma gikorwamwo ingoma, hamwe n’ugukomeza igisata c’ingenzi kizohatorera akayokwe kuko ingenzi zizoratira ijisho uko bazikana n’uko zivuzwa.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.