Accueil > Amagara y’abantu > Inzoga y’umudiringi yatujijwe muri Komine Musaga
 Inzoga y’umudiringi yatujijwe muri Komine Musaga
 Inzoga y’umudiringi yatujijwe muri Komine Musaga
				
				jeudi 23 Nzero 2014
Muri Komine Musaga iri mu gisagara ca Bujumbura harakozwe igikorwa co gutuza inzoga zitemewe n’amategeko zari zigisibije muri iyo komine. 
Abajejwe intwaro harimwo n’uwurongoye iyo Komine ari kumwe na bamwe mu barongoye abandi muma karitiye, abajejwe umutekano n’abo mw’igendereza, ku munsi wa kabiri bazindutse igihe c’isaha imwe n’inusu y’igitondo batuza inzoga yitwa umudiringi yari igisibije muri iyo komine ya Musaga.
Imihana igera kuri 5 yengerwamwo iyo nzoga yaruguruwe abajejwe umutekano n’abo bari mw’ico gikorwa kuko beneyo bari bahunze. Mu muhana wa mbere bahasanze ibigunguru 4 vy’umudiringi bijamwo amaritiro 200, umuhana wa kabiri basangayo ibigunguru 2, umuhana wa 3 basanzeyo igisafuriya cuzuye iyo nzoga, umuhana wa 5 warimwo ibigunguru 5 vyuzuye iyo nzoga. Ivyo bikunguru vyose vyari vyuzuye vyaciye biseswa. Iyo mihana yose yari kw’ibarabara rya mbere ry’iyo Komine. Kw’ibarabara 2, mu mihana 3 basatse basanze umuhana umwe urimwo vya bigunguru 7 bijamwo amaritiro 200.
Nk’uko bivurwa n’umwe mu barongoye karitiye izo nzoga zafatiwemwo, iyo nzoga izana amabi menshi mu banyagihugu arongoye kuko iyo nzoga ubwa mbere ikorwa mu sukari, amayani hamwe n’umwambiro wa Levure. Abanywa iyo nzoga usanga umubiri waravyimvye. Bararwara cane indwara y’igituntu nk’uko ivyo bibonekera kw’ivuriro ryo ku Musaga. Uwo mutware abandanya avuga ko iyo nzoga itera n’umutekano muke kuko ituma haba ubusuma, ubusambanyi, kwahukana n’ayandi mabi ava ku kaborerwe karenze.
Muri iryo sakwa, ibikoresho vyakoreshwa mu kwenga iyo nzoga vyarafashe bijanwa ku kirindiro c’igiporisi kiri muri Komine Musaga. Ico twashoboye kumenya n’uko ivyo bikoresho bigiye kuzoturirwa mu ntumbero yo guhasha urwo rudandazwa. Ikindi n’uko abadandaza izo nzoga batashoboye kubafata kuko bari bomotse.
Mwomenya ko icupa rimwe ry’umudiringi rigurwa amafaranga 500 y’amarundi.
Cherif Nkeshimana
