IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Irindi zina ry’Umugumyabanga wa CNDD FDD rishobora gutangwa n’urundi (...)

Irindi zina ry’Umugumyabanga wa CNDD FDD rishobora gutangwa n’urundi ruhande

dimanche 26 Ndamukiza 2015

Abagumyabanga bose vyavuzwe canke vyagaragaye ko badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bakuwe mu rwego rukuru rw’inararibonye z’uwo mugambwe.

Umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri na Yeremiya Ngendakumana yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD bose bakuwe mu rwego rukuru rw’inararibonye z’uwo mugambwe. Abo bose ico bazize bikavugwa ko batigeze bashigikira ko Petero Nkurunziza yosubira kwitoza mu mabanga y’ukurongora igihugu, kuko bamuhanuye batariye umunwa ko, bishobora gutera ingaruka mbi mu gihugu.

Yeremiya Ngendakumana, umushingamateka wo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, akaba we yirukanywe no mu mugambwe CNDD FDD. Yeremiya Ngendakumana, akaba yafatiwe ivyo bihano inyuma y’aho amenyeshereje ko umukuru w’umugambwe w’ubu Pasikari Nyabenda, yihuse gufata ingingo yo kwirukana abagumyabanga bari bashize ahabona aho bahagaze ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Abo bagumyabanga rero birukanywe, bavuga ko Petero Nkurunziza yagenywe hahonyanzwe amategeko, bavuga ko nabo buca batanga izina ry’umukandida wabo, bakavuga ko amazina atatu y’abahiganwa kugeza ubu aja yaramaze kuboneka.


Aristide Nizigire

Messages

  • NGIRA NI RUFYIKIRI UMWIHERERO W,URUBANZA NI KAZU K,AMATORA RUZOKWIRWA N,ABANYAGIHUGU RUSOMWE NA CENI URUYUKI RUTAYE IZINDI RURAYERERA REKA TURINDIRE

  • Jewe mbona Jeremie Ngendakumana yorusha amajwi Gervais Rufyikiri mu banyagihugu. Vyiza boshira imbere Jeremie kuko yakoranye neza n’abagumyabanga mu gihe yabatwara kandi ni inararibonye. Nibatange rero izina rimwe ryonyene, kandi ace yegera Rwasa bakore une sorte d’alliance. Nduwimana agomba kwemera les deux candidatures, iya Rwasa na Ngendakumana, sinon na Nkurunziza ntazorekurigwa kwitoza. La seule solution sera instaurer un gouvernement interimaire pour organiser de nouvelles elections inclusives et transparentes pour TOUS !!!

  • MBEGA BOTANGA KWIZINA RYUWUHE MUGAMBWE KO ATAMUGAMBWE BASERUKIRA....!

  • Mbega,ab bobo bazomutangang nka band?nibarek kwicamw imic ahubw nibasabe imbabaz kuk ntawudakosha bazohav bababarirwa

  • mb nkurunziza niw wenyen ashoboy gutwara igihugu?ahubwo narek uburyarya guko abagumyabanga nibeshi kandi bashoboy gutwara uburundi neza.ahubwo ashaka kudusubiza muntwaro yigikeny natw abagumyabanga twarayisezereye.ntahirahire ngo abandany guko nabitwango baramushigikiy nabankako bohava bicwa rero niyumvir nkumuchristu guko keshi ashira IMANA imbere vyukuri nimba asenga navuge ijambo iryihumure .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.