Accueil > Amagara y’abantu > Iterabwoba ku baforoma bahagaritse akazi
 Iterabwoba ku baforoma bahagaritse akazi
 Iterabwoba ku baforoma bahagaritse akazi
				
				jeudi 13 Kigarama 2012
Uwurongoye sendika y’abaforoma SYNAPA mu karere k’uburaruko n’uwuyirongoye mu ntara ya Kirundo bahagaritswe n’igipolisi babajijwe isaha zibiri. Uwurongoye SYNAPA ku rwego rw’igihugu avuga ko ari iterabwoba kubera iyo sendika yahagaritse akazi.
Haramahoro Haman,arongoye sendika SYNAPA mu ntara ya kirundo na Nshimirimana Piere claver umunyamabanga w’iyo sendika ajejwe akarere k’uburaruko muri SYNAPA nibo bahagaritswe n’icegera ca kommiseiri w’igipolisi mu Kirundo hafi isaha zitanu n’igice kuri uyu wa kane italike 13 Munyonyo 2012. Mugihe bagira burizwe umuduga w’igipolisi abandi baforoma ba vyanse baca babatwara n’amaguru abandi baforoma barabaherekeza gushika ku gipolisi c’inyamiramabi.
Icegera ca Kommiseri w’igipolisi mu Kirundo yemeza ko yahagaritse izo ndongozi za SYNAPA kw’itegeko rya muganga Alphonse Nkunzimana arongoye intara y’ubuvuzi ya Kirundo,ngo kugira babazwe kubijanye n’inama yariko irakorwa n’abahurikiye muri SYNAPA batasavye uruhusha.
Iyo nama ikaba yaciye ihagarara, yariko ibera mw’ivuriro rikuru ryo mu Kirundo. Muri ayo masaha abarwayi nibo baguye mu mporero kuko n’ibikorwa bibayabaye vyaciye bihagarikwa eka na bamwe bakorera mw’iyakiriro ry’indembe ‘’urgence’’ mu gifaransa baciye bifatanya n’abagenzi babo.
Nk’igihe c’isaha indwi na mirongo ine niho igipolisi cafata ingingo yo kubarekura ,ibikorwa bibayabaye vyaciye bibandanya inyuma y’inama yari yateguwe. Iyo nama ikaba yariyerekeye kuvugana kubijanye n’ihagarikwa ry’akazi abo baforoma bamazemwo hafi indwi zibiri.
Uwurongoye sendika SYNAPA Melance Hakizimana avuga ko iryo hagarikwa ry’indongozi zimwe zimwe ata kindi bigamije Atari ugutera ubwoba abaforoma bari muri yegereyegere. Naho biruko, Melance Hakizimana amenyesha ko badashobora guhesha ngo basubire ku kazi kubera iterabwoba bagirirwa. Asaba nyabuna Reta kumvirizaa imyidogo yabo yerekeye uturusho ku mishahara.
Raymond Nzimana
